Abanye Nijeriya barenga 3 000 vyananiye gushika i Bulaya, ishami IOM ry’ishirahamwe mpuza makungu ryabarungitse iwabo.
Abenshi bagurishije utwabo ngo bishure ingendo zabo, none ubu ntibazi iyo bata umutwe ngo banatunge imiryango yabo, nk’uko umumenyeshamakuru Colin Freeman avyandika.
Evans William yambwiye ko yagurishije twose, arondera amafaranga yomufasha kuriha indoto yiwe yo gushika i Bulaya. Hano, mvuga vyose -igitanda ciwe, i firigo, imbonesha kure, zimwe mu mpuzu, telefone ngendanwa.
Uretse ko yanaguranye amafaranga, yanarishe umugabo yamujabukanye ubugararwa bwa Sahara, kuva muri Nijeriya gushika muri Libya.
Muri rusangi, vyamutwaye amafaranga y’abongereza £ 750, n’ukuvuga ama dolari y’amany’amerika $1,000, ariko kugeza ubwo nta makenga yarafise. Yiyumvira ko ashitse i Bulaya, yari guca akora cane akaronka ayo mahera, akishura imyenda yiwe, ndetse akaronka umutahe umufasha kwikorera utwiwe asubiye iwabo.
- Uburaya ngo ntibufata abimukira nk’abantu
- Abimukira 90 batwawe ku nkengera y’igihugu ca Libya
- Isinzi ry’abimukira ku rubibe rwa Mexique na Amerika
Ntivyakunze uko yavyipfuza. Amaze amezi atandatu y’amagorwa muri Libya, yahuye n’abantu b’aba bandi bamukoresha ataco bamuhemba, yafashe ingingo yo kwurira ubwato bwa magendo ngo yambuke amazi ya Mediterane.
Ubwo bwato bumaze gufatwa n’abanye Libiya bacungera imbibe, we hamwe n’abandi bashika kuri 140 bari kumwe, batawe mu nyubakwa bafungirwamwo.
Igihe nasubira guhura na Evans mu kwezi kwa kane, yari yaramaze gushika mu muji wa Benin City, mu bumanuko bwa Nijeriya, aho ari kumwe n’abandi bimukira amajana, mw’ihoteli leta yabakiriyemwo imbere y’uko basubizwa iwabo.
Basubijwe mu gihugu n’ishami ry’ishirahamwe mpuza makungu ONU, rifasha abimukira baba bifuza gusubizwa iwabo.
Uretse itike y’indege ya gusa baronswa, banarihirwa i hoteli y’iminsi mikeyi, amafaranga y’abongereza £200.
Baranaronswa ivyirwa vy’ingene abantu barondera akazi kugira baronswe amahirwe yo kugira ubuzima bwiza kuruta.
Uyu mugambi ukokoresha amafaranga ashika ku miriyaridi 3 z’amafaranga y’abongereza, atangwa n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya kuva mu mwaka w’2015, aho ingorane z’abimukira zakomeye mu makuru mpuzamakungu.
Icifuzo ca Bulaya n’uko, abo bimukira, bafashirijwe iwabo mu migambi yabo y’iterambere, bova muri Libiya, ahavurwa ko abagera ku 700,000 boba bakirindiririyeyo akaryo ko kugerageza kujabuka i Bulaya.
Abanye Nijeriya barenga 3,000 b’abimukira baramaze gusubira iwabo, nayo abandi 20,000 bitezwe iwabo mur’uyu mwaka.
Igikomeye ni uko abashikanwa iwabo bimaze kugaragara ko biruhutsa, uravye ivyo baba baciyemwo.
Nk’uko vyashikiye Evans, abenshi muri abo bimukira barakenye. Naho bashima inyigisho baronswa mu ntumbero yo kuronka akazi, ni ibintu vy’intanga marara, nko kwiga kumwa umushatsi canke kwiga kurima no kworora. Kubafise indoto ya Bulaya, ivyo bishika biragabanura ivyijiji baba bafise.
Ikindi kibabaje, n’uko iyo bashikanywe iwabo, abagenzi, ababanyi n’incuti babafata nk’abantu bananiwe, b’imbura kimazi. Bamwe muri bo barashika kuri uyo mugambi, iyo abavyeyi bikokoye canke bakabihebera, bakagurisha utwo batunze kugira babaronse amafaranga y’urwo rugendo.
Nta n’umwe muri bo yipfuza kugaruka ari umukene.
Nk’akarorero, Evans ntanifuza gusubira imuhira, naho ari ho ashobora kwakirwa, akaronka aho akika umusaya igihe udufaranga yafashishijwe tuzohera.
Yambwiye ati, “Gushika ubu sinshaka kuguma muri Nijeriya. Ariko, hanyuma nzogerageza kuja i Bulaya biciye mu mategeko.”
Abibu, niwe wundi agishavuye. Ni umugabo agikomeye, yasubijwe inyuma mu ndege imwe na Evans.
Avuga ko nyina yagurishije agatongo yari afise kugira ashobore kwishura urugendo rwiwe gushika i Bulaya. Ntaranamubwira ko yagarukanywe.
“Hamwe Mama yombona, azorwara umutima”, niko yibaza. “Ndabona n’ababanyi bitwengera, bati ‘umuvyeyi w’uyu muhungu yagurishije agatongo kiwe kugira ashike i Bulaya – none raba vyaramunaniye!’ Ni numva umuntu n’umwe asohora iryo jambo, nzomwica.”
None ubu agiye gukora iki?
“Icambere, nzokenera kugarura amafaranga yanje. Utu dufaranga two kwifashisha naronse, ntaho ahuriye n’ayo nakoresheje gushika muri Libiya.”
Abibu yigishijwe iyihe myuga? Kumwa imishatsi? Kurima no kworora? Asa n’uwufise uwundi mugambi mu mutwe. Avuga ati “nzoraba akazi bazompa”, akabandanya ati “ndafise ubwoba ko nzohava nkora ibara kugira ngo niyishure amahera yanje.”
Nivyo? Ubuhe bwoko bw’ibara?
“Ubusuma, kumbure.”
Vyumvikana nk’uko arivyo yashatse kuvuga, kandi na jewe ndafise amakenga, kuko ndibaza ico Abibu yakoze kugira agire irya nkovu yiwe yo mu maso.
Dusezerana na Peter, mugenzanje akorera muri Nijeriya, ni n’umumenyeshamana, yumva yogira ico avuga.
“Ni wewe wafashe ingingo yo kugenda – reka guta ishavu ku bandi”, abwira Abibu. “Raba ingene uvugana na mama wawe – n’imiburiburi yumve ko ukiriho.”
Azogukarira? Haheze imyaka ibiri, mu nzu twari twugaraniwe mwo muri Libiya, nahahuriye n’uwundi mufungwa yava muri Gambiya, yansavye ko ndamushikanira ubutumwa nk’ubwo umuryango wiwe.
Igihe nabatelefona, nari niteze kubumva barira canke baryohewe.
Ariko bambajije ikibazo kimwe: “None ushaka tugire gute, n’ukuvuga ko atashoboye kujabuka i Bulaya rero?”