Site icon Rugali – Amakuru

Michelle Obama yashize ahabona uko yatwaye inda z’abana biwe babiri

Umupfasoni w’uwahoze ari prezida wa Amerika Michelle Obama yasohoye igitabo aho yashize ahabona ingorane yaciyemwo mu rugo rwiwe hamwe n’ingene yibungenze abana biwe babiri.

Muri ico gitabo, Becoming, Michelle Obama avuga ko imbanyi yiwe yakorotse biba ngombwa kwifashisha ubuhinga bwa IVF, aho imbuto z’abakundana zishirwa hamwe hanyuma zigaca ziterwa umupfasoni hakoreshejwe urushinge.

Michelle Obama yabwiye ABC, mu kiganiro Good Morning America ko yumvise ari aho ‘abaye inyakamwe kandi atawumunezwe’ inyuma y’ahoimbanyi yiwe ikorokeye mu myaka 20 iheze.

Yananebaguye prezida Donald Trump kuba ariko arabangamira umutekano w’umuryango wiwe.

Vyabaye ngombwa ko Michelle Obama n’umugabo wiwe yahoze ari umukuru w’igihugu ca Amerika Barack Obama, bagirirwa inama, nk’uko yabinyeguruye ubwa mbere muri ico gitabo ciwe c’impapuro 426 kizoja ahabona ku musi wa kabiri.

Kubera ico gitabo, Michelle Obama azoja mu bisagara 10 harimwo n’Ubwongereza.

Igihe yari yibungenze

Umupfasoni Obama yahoze ari umushingwamanza akaba yaranarongoye n’ibitaro yabwiye ABC ko inyuma y’aho imbanyi yiwe ikorokeye, yiyumvise nk’umuntu yihevye kuko atari azi ibiharuro vy’imbanyi zikoroka.

Yavuze ati:”Turiyubaka tubabaye. Ni vyiza kuganira n’abapfasoni bakiri bato ku vyerekeye ukuri ko imbanyi ishobora gukoroka.”

Uwufise ububasha kw’isanamuCROWN

Yavuze ko igihe yari afise imyaka 34, yasanze ameze neza ariko ‘umwanya wo gutuma amagi akomera udakwiye ‘ bituma afata ingingo zo kwifashisha IVF.

Umupfasoni Obama yabwiye umumenyeshamakuru wa ABC Robin Roberts mu kiganiro ca Good Morning America ati :”Nibaza ko kutabwirana ukuri nk’abapfasoni ari ikintu kibi cane dukoreranira, ku vyerekeye imibiri yacu n’ingene ikora.”

Uwufise ububasha kw’isanamuGETTY IMAGES

Kuvyerekeye urugo rwiwe

Umupfasoni Obama arashira ahabona kandi ko higeze kuba ibibazo mu rugo rwabo, na cane cane inyuma y’aho umugabo wiwe agiriye mu nama nshingamateka, bituma amusiga wenyene muhira, aho yategerezwa kwitera wenyene inshinge za IVF.

Yabwiye ABC ati:”Uguhanurana mu rugo rwacu n’imwe mu nzira twakoresheje mu gutorera inyishu ivyo tutumvikanako.”

“Ndazi ko abubakanye bakiri bato bahangana n’ibibagora vyinshi kandi baca bibaza ko boba bafise ibitagenda neza kuri bo. Ndashaka bamenye ko umupfasoni Michelle na Barack Obama bubakanye neza kandi bakundana cane, bicara hamwe kugira bavugane uko urugo rwabo rwogenda neza.

“Kandi twararonse ubufasha mu rugo rwacu igihe twari tubukeneye.”

Yanavuze n’ingene bakundanye na Obama bahuriye mu gisagara ca Chicago.

Yanditse ko “Igihe niyumvamwo ikintu kuri Obama, naciye numva urukundo ruguma rwongerekana.”

Uwufise ububasha kw’isanamuGETTY IMAGES
Image captionUmuryango wa Obama n’abana bari muri Indonesia mu 2017

Ku vyerekeye Trump

Muri ico gitabo ca Becoming, umupfasoni Obama avuga ko ata kigongwe azogirira prezida Trump inyuma yo kuvuga ko umugabo wiwe atari umunyamerika igihe yariko aritoreza kuba umukuru w’igihugu nk’uko vyanditswe mu bimenyeshamakuru.

Ikibazo cerekeye aho Obama yavukiye cari kibabaje. Iyumvire, vyari kugenda gute iyo haduka umuntu afise ico abura mu mutwe yari gufata inkoho agaca aja i Washington? Vyari kugenda gute iyo uwo muntu yaca aja kurondera abana bacu?

“Trump n’inyifato yiwe birageramira umuryango wanje.”

Umupfasoni Michelle Obama avuga kandi ko yanatangajwe n’intsinzi ya Trump.

Exit mobile version