Ikinyamakuru mpuzamakungu ca ‘Firepower’ gisanzwe cihweza inguvu za gisirikare kw’isi uko umwaka utashe, giherutse gusohora urutonde rw’ibihugu 138 rwerekana inguvu za kimwe kimwe.
Iki cegeranyo cihweza igitigiri c’ibirwanisho, c’abasirikare hamwe n’amafaranga ibi bihugu bikoresha mu bikorwa vyavyo vya gisirikare.
Ibibanza vy’ibihugu bigenda bihinduka uko umwaka utashe ku bihugu bitari bike.
Ibihugu bitigeze binyiganyiga mu bibanza vyavyo muri ino myaka, harimwo :
1- Leta Zunze Ubumwe za Amerika
2- Uburusiya
3- Ubushinwa
4 Ubuhindi
Turukiya yarasubiye inyuma
Kuva uno mwaka utanguye, Turukiya yagiye isubira hasi iva muri cumi vya mbere bikomeye gisirikare gusumba ibindi kw’isi.
Ariko Misiri yashoboye gushika muri cumi vya mbere, maze ija mu bihugu bikomeye gisirikare gusumba ibindi kw’isi.
Ku mugabane wa Afrika, iki gihugu nico kiza ubwa mbere, kikaba kiri mu kibanza c’icenda kw’isi.
Ibindi bihugu bikurikira ni :
5- Ubuyapani
6- Korea y’Ubumanuko
7- Ubufaransa
8- Ubwongereza
9- Misiri
10- Brezili
Mu myaka ibiri iheze, Turukiya yaza mu kibanza c’icenda, mu gihe imyaka itari mike imbere y’aho yaza mu kibanza c’umunani. Uno mwaka ikaba iri mu kibanza ca 11.
Ikibanza ca Arabia Sawudite
Hari ibihugu vyagiye bisubira inyuma gato, mu gihe ibindi vyagumye ha handi.
Ariko kimwe mu bihugu vyteye intambwe ikomeye cane ni Arabia Sawudite aho yaduze ikaba mu bihugu vyifashe neza cane ku ncuro ya mbere.
Iki gihugu gifise ubutegetsi bwa cami, kikaba kirongowe n’umwami Salman bin Abdulaziz caraduze kija mu kibanza ca 17 mu gihe Isirayeli iri mu kibanza ca 18.
Mu mwaka wa 2016, Arabia Sawudite yari mu kibanza ca 24, mu gihe Isirayeli yari mu kibanza ca 16 ku rutonde rw’ibihugu bikomeye gisirikare gusumba ibindi kw’isi.
Umwaka wakurikiye wa 2017, Arabia Sawudite cagumye mu kibanza ca 24, Isirayeli iraduka gato ishika mu kibanza ca 15.
Umwaka wakurikiye, 2018, Arabia Sawudite yaravuye ku rutonde rw’ibihugu 25 bikomeye gisirikare, mugabo Isirayeli isubira mu kibanza ca 16.
Ibindi bihugu biri muri 25 bikomeye gisirikare kw’isi ni:
11-Turukiya
12- Ubutaliyano
13-Ubudagi
14-Irani
15- Pakistani
16- Indonesia
17- Arabia Sawudite
18-Isirayeli
19- Australia
20- Espanye
21- Polonye
22- Vietnam
23- Thailand
24- Canada
25. Korea y’Uburaruko
Ku mugabane wa Afrika, inyuma ya Misiri iza mu kibanza c’icenda kw’isi, ibihugu bikurikira ni Alijeriya iri mu kibanza ca 28, Afrika y’Epfo iri mu kibanza ca 29.