Igisata c’iyungururizo muri sentare nkuru y’akarere k’Afurika y’ubuseruko caburanishije urubanza rwerekeye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu c’Uburundi.
Sentare ya mbere yari yaciye urubanza ivuga ko idafise ububasha bwo gusubiramwo ingingo ya sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro y’Uburundi yahaye uburenganzira Petero Nkurunziza bwo kwitoza mu mwaka w’2015. Amashirahamwe yigenga yo mu karere na yo yunguruje urubanza asaba ko iyo ngingo ya mbere yofutwa, amatora ya 2015 agasubirwamwo.
Ni urubanza rwashingishijwe mukwezi kwa 5 umwaka w’ 2015 imbere y’uko amatora aba mu Burundi. Amashirahamwe yigenga abicishije mu runani rw’amashirahamwe yo mu karere ka Afurika y’ubuseruko, aba ari rwo rwitwara. Mu birego vyabo, bavuga ko ukwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kwahonyanze amategeko.
Mu rubanza rwa mbere, sentare yavuze ko ata bubasha ifise bwo gusubiramwo ingingo zafashwe n’amasentare y’imbere mu gihugu. Ico ni co catumye bunguruza urubanza nk’uko bivugwa na Maitre Donald Deya, atwara urunani rw’abashingwamanza muri Afurika, Union Panafricaine des Avocats, aburanira abitwaye.
Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi, Maitre Kayobera Nestor avuga ko imanza zaheze ibisigaye ari ugutesha umwanya reta. Amashirahamwe yigenga yizeye ko sentare y’iyungururizo izosohora ingingo ivuga ko amatora yo mu mwaka w’2015 yahonyanze amategeko. Reta y’Uburundi na yo yiteze gutsinda nka mbere.
Urwo rubanza rwumvirijwe mu gisata c’iyungururizo muri sentare y’Afurika y’ubuseruko mu gihe ku munsi wa kane w’iyi ndwi Abarundi bazotangura kwiyandikisha bitegurira amatora yo kwemeza canke guhakana ihinyanyurwa rw’ibwirizwa nshingiro hamwe n’amatora yo mu mwaka w’2020.
Ijwi ry’Amerika ryabajije Kayobera nimba urwo rubanza rutazobangamira ico gikorwa. Abitwaye bobo babona ko sentare ibishatse yokwigiza inyuma ico gikorwa.
Ayo matora akirimwo impari n’imanza muri sentare, n’amatora yashikanye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ku ntebe y’ubukuru w’igihugu kubice 69 % naho abatavugarumwe nawe bayiyamirije.