Site icon Rugali – Amakuru

Magufuli wa Tanzania ati: “Mu Burundi hari amahoro none namwe impunzi nimutahe”

Umukuru w’igihu ca Tanzaniya, John Magufuli, yabwiye impunzi z’Abarundi ziri muri ico gihugu ko u Burundi bumaze gutekana bikwiye ku buryo botahuka iwabo ku neza.

Prezida Magufuki yari aramutse agendera impunzi z’Abarundi ziri mu karere ka Tanganyika mu ntara ya Katavi, hafi y’urubibe rw’u Burundi.

https://youtu.be/T6QffVinAXk

Prezida Magufuli yagize ati: “Na Yezu yarahungiye mu Misiri ariko mu nyuma arahunguka aja kwigisha ijambo ry’Imana iwabo.

“Uturere mwavuyemwo dutanguye gutekana, murashobora gutahuka mu mahoro. Ntukurwanira kuba impunzi. Ariko kandi ntimurwanire guhabwa ubwenegihugu [bwa Tanzaniya] kandi igihugu canyu gihari.”

Bwana Magufuli yongeyeko yuko bamaze guha ubwenegihugu abantu ibihumbi ijana na mirongo ibiri, ngo rero mu gihe igihugu [c’u Burundi] catekanye ntibikwiye kubandanya.

Yasavye izo mpunzi kwima amatwi abazihimiriza kudatahuka ngo kuko bavyungukiramwo, azibwira ko ico zahunze mu gihugu cazo caheze.

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya yabwiye izo mpunza ko igihugu ciwe kidashobora kuba icibare co guhungiramwo ibihe vyose.

Uwufise ububasha kw’isanamuGETTY IMAGES
Image captionPrezida Magufuli avuga ko mu Burundi hatekanye, agahimiriza impunzi gutahuka muhira

Yanavuze ko kuba Tanzaniya yakira abayihungiyeko, bidasigura ko baca babonerako akaryo ko guhohotera abenegihugu bibereye iwabo.

Yagize ati: “Igihugu cacu nticaremewe kuba ubuhungiro bw’abantu bose. Tubikora ku mutima wa ki muntu. Ariko ubwo buntu bwacu ntibukwiye kuba isoko ry’amagorwa ku banyagihugu [ba Tanzaniya].

“Umuntu yirimira itabi, akarizira. Umuntu afata urugendo muri bisi, igategwa imitego…. Hari n’ubundi bwicanyi bw’agabomera bunwa ata handi buraba kw’isi, aho umuntu akubitwa umusumari mu mutwe.”

Tanzaniya yari yahaye impunzi z’Abarundi ziri muri ico gihugu gushika ku tariki ya mbere z’uku kwezi zikaba zatahutse, bitagenze uko zigatahukanwa ku nguvu.

Amatangazo yaramanitswe mu nkambi zicumbikiye Abarundi, eka mbere n’ibikorwa bisanzwe bitunze izo mpunzi birahagarikwa.

Uwufise ububasha kw’isanamuAFP
Image captionPrezida Magufu avuga ko Tanzania idashobnora kuguma ari icibare c’impunzi

Amashirahamwe mpuzamakungu y’abagiraneza arimwo n’irijejwe impunzi HCR, yariyamirije iyo ngingo ya Tanzaniya yo gutahukana impunzi ku nguvu.

Tanzaniya ariko yuvuze ko yubahiriza amategeko mpuzamakungu agenga impunzi yo mu 1951, abuza gutahukana umuntu ku nguvu.

Itariki ya 01/10/2019 yarashitse kandi ntawatahukanywe ku nguvu, kiretse abashika hafi ku 1000 batahukanywe ku gushaka, Tanzaniya ivuga ko ico gikorwa kizobandanya.

Abadataha batinya iki?

Abatinya gutaha mu Burundi bavuga ko bohava bahohoterwa bashitseyo ngo kuko abatavuga rumwe na leta muri iki gihe batorohewe.

Bisunga icegeranyo giheruka gusohorwa n’ishami rya ONU rijejwe ivy’agateka ka zina muntu, kivuga ko ukutihanganira abatavuga rumwe na leta mu Burundi vyimonogoje.

Uwufise ububasha kw’isanamuREUTERS
Image captionLeta y’u Burundi ivuga ko impunzi zishika 70.000 zimaze gutahuka, ico gikorwa kikaba kibandanya

Ico cegeranyo kandi cavuga ko inzego zijejwe umutekano hamwe n’urwaruka rw’Imbonerakure rwo mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, bakora ibikorwa vyo gukubagura abantu.

Ico cegeranyo ariko cariyamirijwe na leta y’u Burundi, ivuga ko gifise intumbero ya politike irimwo guharabika no guhesha izina ribi u Burundi.

Intureka zadutse nyuma y’aho Prezida Pierre Nkurunziza atangarije ko azokwiyamamaza mu matora yo mu 2015, zatumye Abarundi bashika ku bihumbi 400 bahunga.

Abashika 200.000 muri abo bahungiye muri Tanzaniya, abandi baja mu bindi bihugu bibanyi birimwo u Rwanda, Kongo na Uganda.

Ariko leta y’u Burundi ivuga ko kuva mu 2016, impunzi zishika ku 70.000 zimaze gutahuka kandi ngo ico gitigiri kiriyongera buri kwezi.

Exit mobile version