Site icon Rugali – Amakuru

Lionel Messi yemeye amasezerano na Paris St-Germain – Guillem Balague

Lionel Messi yemeye amasezerano yo gukinira umurwi Paris St-Germain mu kiringo c’imyaka ibiri, inyuma y’aho aviriye muri Barcelona, nk’uko bivugwa n’umunyamakuru w’inkino wa BBC Guillem Balague.

YouTube video player

Aya masezerano aja mu ngiro inyuma y’ibipimo vyo kwa muganga. Uyu kizigenza wa Argentina w’imyaka 34 yavuye muri Barcelona – umurwi wonyene yari amaze gukinira – inyuma y’aho uwu murwi unaniriwe no kumuha ayandi masezerano kubera amategeko y’ihiganwa rya Espagne, La Liga, yerekeye ikoreshwa ry’amafaranga.

Umurwi PSG umenyerezwa na Mauricio Pochettino warangije ihiganwa Ligue 1 ry’umwaka uheze mu Bufaransa, ari uwa kabiri, inyuma ya Lille. Balague yabwiye BBC Radio 5 Live ati: “Vyamaze kwemezwa. Lionel Messi agiye kuba umukinyi wa PSG. Ni uko. Vyaheze. Haciye iminota mike bibaye”.

“Muri uno mwanya, abaporisi bari mu kibuga bangana n’abafana. Ibi bigiye guhinduka mu kanya. Hari ama camera umunani, ibi kandi bigiye guhinduka mu kanya. Umengo ni amasezerano y’imyaka ibiri, ashobora kwongerwako n’uwundi umwe”.

“Icipfuzo ciwe kwari uko yari kugiriranira aya masezerani na Barcelona ariko bigiye kuba muri PSG. Hanyuma mu gihe azoba yumva ko ata ngorane, kumbure ashobora no kuzokwiyongeza uwundi mwaka. Ariko uko vyogenda kwose, intumbero yiwe ni muri PSG hanyuma yongere arabe ko yovyifatamwo neza mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose i Qatar”.

Nk’umwe mu bakinyi b’ibihangange baranze amateka y’umupira w’amaguru, Messi yinjije ibitsindo 672 mu nkino 778 yakiniye Barcelona, umurwi yari yinjiyemwo afise imyaka 13.

Yatsindiye wa mupira w’inzahabu (Ballon d’Or) incuro zitandatu zose, yongera aterura ibikombe 35 vyose muri uyo murwi.

Amashusho ya Lionel Messi ariko aramanurwa muri Nou Camp

Messi agiye gusubira gukinana n’uwo bahoze bari hamwe muri Barcelona Neymar i Parc des Princes – akaba ari umwe mu bakinyi bakomeye cane bahanzwe amaso muri kahise k’umupira w’amaguru.

Kiretse hagize icoza mu nyuma, agiye kuba umukinyi agize kane yinjiye muri PSG atakirinze gusabwa muri rino ci, inyuma y’umukinyi wo hagati Georginio Wijnaldum, umukinyi w’inyuma Sergio Ramos n’umunyegori Gianluigi Donnarumma.

Achraf Hakimi, umukinyi w’inyuma ku ruhande rw’i buryo na we nyene abonwa nk’igihangange, yarinjiye avuye muri Inter Milan.

Messi yari yemeye amasezerano mashasha ngo abandanye akinira Barcelona aho yari yemeye kugabanirizwa ibice 50% vy’umushahara yahora afata, ariko uwo murwi warananiwe no kuyashira mu ngiro kubera wasanze wosanga uri hejuru y’urugero rw’umushahara ntarengwa muri La Liga.

Mu gihe bonyarutsa agatera igikumu kuri aya masezerano, ashobora gukina urukino rwa mbere muri PSG ku wa gatandatu igihe uwu murwi uzoba wakira Strasbourg.

Source: BBC

Exit mobile version