Site icon Rugali – Amakuru

Leta y’u Burundi yagiriza Pierre Buyoya n’igihugu c’u Rwanda kuba bari inyuma y’umugambi wo gukura ingabo zabwo muri Somalia

U Burundi buvuga ko uwahoze atwara ico gihugu, Pierre Buyoya, hamwe n’igihugu c’u Rwanda bari inyuma y’umugambi wo gukura abasirikare 1000 b’abarundi mu bikorwa vya AMISOM muri Somalia.
Abasirikare b’abarundi barenga 5000 nibo bari mu bikorwa vyo guhagararira amahoro muri Somalia, mu rwego rw’umugwi AMISOM w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, kuva mu 2007

Kugabanya igitigiri c’abasirikare ba AMISOM muri Somalia vyari bimaze kuvugwa bitewe n’uko umutekano muri Somalia usa n’uwuriko uragaruka buke buke.

Mu mpera z’umwaka uheze shirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryatangaje ko u Burundi butegerezwa gukura abasirikare 1000 muri Somalia, abashika 200 muri bo bakaba bagomba gutahuka uno munsi.

Ariko u Burundi buvuga ko abo basirikare igihumbi bagomba kugabanywa, bovanwa mu baserukiye ibihugu vyose biri muri AMISOM ari vyo u Burundi, Kenya, Uganda, na Djibuti, nk’uko vyari vyarumvikanywe.

Uno munsi inama nshingamateka ya Somalia yari yahamagaje abashikiranganji b’umutekano no kwivuna abansi, ngo basigurire abashingamateka uko ico kibazo cifashe.

Gukura muri Somalia abasiriakre bose

Umushikiranganji wo kwivuna abansi Emmanuel Ntahomvukiye yavuze ko abasirikare b’u Burundi muri Somalia bari ku birindiro bigoye, aho abarwanyi ba Al Shabab ari benshi.


Pierre Buyoya, ubu akorera ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, yasohorewe umutahe wo gufatwa yagirizwa kugira uruhara mu rupfu rwa Prezida Ndadate

Bwana Ntahomvukiye yavuze ko bandikiye ikete ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika baryumvisha ko ari ngombwa ko abo basirikare baguma kuri ivyo birindiro gushika ibintu bigiye mu buryo muri Somalia.

Emmanuel Ntahomvukiye yabandanije agira ati: “Urwo rwandiko twararwanditse tubamenyesha yuko ibi vyifuzo twabarungikiye batavyubahirije, ahubwo aho gutegura gutahana igihumbi gusa, bokwitegurira gutahukana ingabo zacu zose, kubera yuko tutokwemera ko abasirikare bacu bahonerayo”.

Buyoya n’u Rwanda baragirizwa…

Bwana Ntahomvukiye yabajijwe impamvu bibaza yoba yaratumye iyo ngingo ifatwa, avuga ko ari urwanko u Burundi bumaze igihe bufitiwe.

Yadomye urutoke ku wahoze atwara u Burundi, Pierre Buyoya, asanzwe aserukiye ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika muri Mali n’akarere ka Sahel, hamwe n’igihugu c’u Rwanda kuba ari bo babiri inyuma.

Image captionU Burundi bwagiriza u Rwanda ruyobowe na Prezida Paul Gagame, kubugambanira muri Somalia

Yavuze ko inama zose muri uwo mugambi wo kubangamira u Burundi ngo zibera mu gihugu c’u Rwanda.

U Burundi busanzwe bwagiriza Pierre Buyoya kuba ari mu bagize uruhara mw’iyicwa rya Prezida Melchior Ndadaye akaba mbere yaranasohorewe umutahe mpuzamakungu wo kumufata.

Bwagiriza kandi igihugu c’u Rwanda kuba kiri inyuma y’igerageza ryo gutembagaza ubutegetsi mu 2015, hamwe no kuronsa uburyo imigwi y’abarwanyi ifise umugambi wo gutera u Burundi, ivyo ariko u Rwanda rurabihakana.

BBC ntirashobora kumenya ico Pierre Buyoya canke leta y’u Rwanda bavuga kuri ivyo vyagiriji bishasha vya leta y’u Burundi.

Leta ya Somalia ivuga ko igikeneye ko abasirikare bose bari mu mugambi wa AMISOM baguma muri ico gihugu, umukuru wayo, Mohamed Abdullahi Mohamed, akaba aheruka kugendera ibihugu biterera abo basirikare harimwo n’u Burundi.

Exit mobile version