Site icon Rugali – Amakuru

Leta ya Uganda ivuga ko gushika ubu itazi aho Ben Rutabana ari

Ababuranira leta ya Uganda bananiwe no kwerekana Ben Rutabana, mu gihe vyari vyitezwe ko arengutswa kuri uno wa kane imbere ya Sentare nkuru y’igihugu ikorera ku mugwa mukuru Kampala.

Umunyamakuru yigenga Dear Jeanne akorera muri ico gihugu, yabwiye BBC ko abarongoye inzego zitatu muri zitandatu zijejwe umutekano zari zasabwe kumenyesha nimba zoba zifise Ben Rutabana, bamenyesheje sentare ko atari mu minwe yazo.

Basaba sentare ko ibongera iminsi kugira ngo bashobore kuvugana n’izo nzego zindi zitatu zisigaye kugira ngo bashobore kubabwira nimba Rutabana ari mu minwe yabo.

Mu nzego zasubije harimwo urwego rw’iperereza rw’imbere mu gihugu, urwego rujejwe gutohoza ivyaha, hamwe n’urwego rw’iperereza mu gisirikare.

Benjamin Rutabana azwi cane nka Ben Rutabana umuryango wiwe uvuga ko wamubuze kuva ku wa 08 z’ukwezi kw’icenda umwaka urangiye haciye iminsi mike ageze i Kampala muri Uganda avuye aho aba i Bulayi.

Abo baburanira leta bavuga ko abarongoye igisirikare n’igipolisi batarashobora gutanga inyishu, bakibaza ko bishoboka ko hoba hari urundi rwego rwoba rumufise muri izo nzego, ari naco gituma basavye ko babongera umwanya kugira ngo bashobore kuvugana n’abakuru bazo.

Umuryango wa Ben Rutabana hamwe n’uwumuburanira bafise amakenga kubona umuntu wabo amaze igihe kirekire mu minwe ya leta, aho bavuga ko amaze amezi atanu n’indwi zibiri.

Ku bwabo, kwigiza inyuma urwo rubanza bavuga ngo bagiye kumurondera kandi bari bahawe igihe gikwiye, ni ugushira ubuzima bwiwe mu kaga.

Uwumuburanira avuga ko bene Rutabana baheruka kwumva Ben Rutabana igihe yari mu minwe y’igisirikare ca Uganda, bakaba bafise amakenga menshi kwumva leta ivuga ko itazi aho ari.

Sentare yahaye ababuranira leta indwi imwe kugira ngo bazobe bahejeje gukora amatohoza yabo y’aho Ben Rutaban ari, ni mu gihe bobo bari basavye ko bobaha ikiringo c’indwi zibiri. Izosubira gusasa ku wa kane w’indwi iza.

Ibura ryiwe ryaratumye bamwe mu barongoye umuhari utavuga rumwe n’ubutegetsi bw’u Rwanda RNC bahagarikwa, bakagirizwa ko bafisemwo uruhara.

Umwe muri bo ni uwahoze ari umuvugizi wa RNC, Jean Paul Turayishimye, uyu nawe akaba abihakana, akavuga ko yakubiswe n’inkuba yumvise ibura rya Ben Rutabana yari komiseri muri uyo muhari.

Exit mobile version