Site icon Rugali – Amakuru

Lalibela- Ethiopia: Inyeshamba za Tigray ntizumva akamo ko kuva mu gisagara zafashe muri Amhara

Inyeshamba zo muri Tigray banse kwumvira akamo ka Reta Zunze Ubumwe za Amerika ko kuva mu ntara zihana urubibe n’iyabo, umunsi umwe inyuma y’aho zifatiye ikibanza kiri mu mirage y’isi ya ONU mu ntara ya Amhara. Abo bagwanya reta ya Ethiopia bo mu ntara ya Tigray ku wa kane bigaruriye igisagara ca Lalibela, umurage w’isi wa Unesco mu ntara ya Amhara ihana urubibe na Tigray.

Lalibela, ahabarizwa amasengero yo mu kinjana ca 13 asaruwe mu mabuye, ni ikibanza cerenda ku bakristu b’aba Othodoxe baharurwa muri za miriyoni. Abahaba bari bamaze igihe bahunga umusugerezo w’inyeshamba, nk’uko abategetsi b’aho babibwiye BBC.

Abantu ibihumbi baramaze kwicwa kuva intambara yadutse mu kwezi kwa 11. Ubu intambara iriko irakwira mu ntara za Amhara na Afar, iyindi ntara ihana urubibe na Tigray. Abantu baharurwa muri za miriyoni nabo baramaze guteshwa izabo.

Zaba inyeshamba za Tigray, zaba n’ingabo za reta mpuzantara ya Ethiopia n’abazishigikiye, izo mpande zompi ziraregwa ibikorwa vyo guhonyanga agateka ka zina muntu n’ivyaha vyo mu ntambara.

Icegera c’umukuru w’igisagara ca Lalibela, Mandefro Tadesse, yabwiye BBC ko igisigara kigenzurwa n’inyeshamba zo muri Tigray.

Yavuze ko ata rusasu rwigeze ruraswa, ariko ko abanyagihugu bariko barahunga igisagara kandi ko afise amakenga y’ayo masengero mbonekarimwe.

Hari amasezengero 11 yasaruwe mu masenga y’amabuye mu binjana vya 12 na 13.

Yubatswe nk’ayo gusubirira Ihanga Ryeranda, abakora urugendo rweranda batashobora gushikamwo ico gihe.

Mandefro yavuze ati: “Uwu n’umurage w’isi, kandi duteregerezwa gufashanya kugirango iryo tunga rikingirwe.”

Iyo ntambara iriko irakwira izindi ntara ikurikiye ukwigarurira uturere inyeshamba za Tigray People’s Liberation Front (TPLF) zagize mu kwezi ka gatandatu, harimwo gufata umurwa mukuru w’intara ya Tigray Mekelle inyuma y’aho ingabo za Ethiopia zihaviriye hanyuma zigantangaza zonyene ihagarikwa ry’intambara.

TPLF niyo yari irongoye reta y’intara ya Tigray gushika yirukanywe n’ingabo za Ethiopia mu kwezi kwa 11.

Reta ya Ethiopia yayise umugwi w’iterabwoba. Ariko izo nyeshamba zivuga ko arizo reta yemewe y’intara ya Tigray.

Muri iyi ndwi, umu jenerari wo muri izo nyeshamba yabwiye BBC ko uwo mugwi ufise intumbero yo kugondoza reta kuvanaho ukwugarana iyo ntara no kwemera inyishu ya poritike kuri ico kibazo.

Reta irahakana kuba yarugaranye iyo ntara kandi ivuga ko ata biganiro bizoba.

Ariko kubona TPLF igeze muri Amhara na Afar vyatumye amakungu anegura ibiriko biraba, ONU na Reta Zunze Ubumwe za Amerika bakaba basavye impande zose guhagarika intambara.

Reta ya Ethiopia ivuga ko abantu ibihumbi 300 bateshejwe izabo muri Amhara na Afar.

Hagati aho ONU yo ivuga ko amakamyo 175 arimwo imfashanyo yashitse muri Tigray.

Ariko umukuru w’ishami rya ONU riraba indya kw’isi (PAM/WFP) yagabishije avuga ko hakenewe amakamyo arenga 100 ku munsi kugira hagarukirwe abantu baharurwa muri za miriyoni bakeneye imfashanyo.

Abakozi b’amashirahamwe afasha bafise ikibazo co gushika mu gice kinini ca Tigray kubera ikibazo c’umutekano n’izindi ntambanyi zo kuronka impusha.

Exit mobile version