Site icon Rugali – Amakuru

Ku nshuro ya mbere umuryango wa Rusesabagina wavuganye nawe

Paul Rusesabagina

Umukobwa wa Paul Rusesabagina yabwiye BBC ko ku nshuro ya mbere bashoboye kuvuga nawe ariko ko bafise amakenga. Paul Rusesabagina amaze iminsi ari mu minwe y’igipolisi c’u Rwanda nyuma yo kuhashika ku buryo gushika ubu butarasiguka.

Umuryango wiwe wemeza ko yanyurujwe ari mu rugendo mu gihugu ca Dubai, ariko ivyo ntibiremezwa n’uruhande ataho rwegamiye. Aho yavugana na BBC Gahuzamiryango, umukobwa wa Bwana Rusesabagina, Carine Kanimba, yavuze ko bashoboye kuvugana na se kuri telefone.

Yavuze ko ari ubwa mbere bari bavuganye nawe kuva yafatwa, akavuga ko yababwiye ko ameze neza naho bo batavyemera. Carine Kanimba yagize ati: “Twavuganye nawe ariko twari tuzi ko bamuhagaze inyuma bariko baramubwira ico agomba kutubwira cose.

“Ejo ni bwo bwa mbere twashoboye kumuvugisha. Twagerageje kenshi kubahamagara, duhamagara RIB, duhamagara abantu bose kugira ngo batureke tumuvugishe. “N’umu avocat wacu twamuhitiyemo agerageza kuja kumuraba ariko kuva bamushimuta ntibari batureka ngo tumuvugishe.”

Umukobwa wa Bwana Rusesabagina yabandanije avuga ko ejo ariho babemereye kumuvugisha, ariko na ho nyene ukumva yuko bamuhagaze inyuma bamubwiriza ivyo avuga.

Rusesabagina yahawe agashimwe ko ku rwego rwo hejuru n’umukuru w’igihugu wa Amerika, George W Bush

BBC yashatse kumenya niba boba barashoboye kumenya uko amerewe aho afungiwe mu biro vy’igipolisi i Remera mu muji wa kigali.

Carine Kanimba yagize ati: “Navyo ntavyo tuzi. Yatubwiye ko ameze neza. Ariko ukuntu tuzi papa, iyo tumubajije uko ameze ubundi atubwira neza abivanye ku mutima. Ariko ubu [vyarumvikana] ko atashobora kuvuga nk’uko atuganiriza ubundi.”

Madamu Kanimba yavuze kandi ko uwunganira se mu mategeko bamuhitiyemwo ataremererwa gukora ako kazi, akaba yunganirwa n’uwo yahitiwemwo n’inzezo z’ubutungane z’u Rwanda.

Yabandnije agira ati: “Turabizi ko uwo mu avocat [yashizweko na leta] yari ahari ejo. Yari amuhagaze inyuma. Muri ako kanya gato twaganiriye na papa yaratubwiye ko bari bahari bari iruhande rwiwe.

“Ariko uwo mu avocat we ntawe twumvise. Twamubajije niba yarashoboye kubonana na ba avocat twamuhitiyemwo avuga ko adashobora kuganira iyo dosiye. […] twamubajije gatatu ivy’avocat wiwe ntiyaduha igisubizo.”

Kunyuruzwa

Umuryango wa Bwana rusesabagina wemanga ko yanyurujwe mu gihe leta y’u Rwanda ivuga ko yafashwe ku bufatanye bw’amakungu, mu gihe yari yarasohorewe umutawe mpuzamakungu wo kumufata.

Avugana na BBC, umukobwa wiwe Carine Kanimba yavuze ko ivyo atari vyo ngo kuko uwo mutahe wo kumufata utigeze ubaho.

Yagize ati: “Ivyo ni ukubesha nta mandat d’arret yigeze ibaho, ivyo ni mu Rwanda babivuze. Nimba yariho ni kubera iki yabandanije gufata ingendo atawumukoma?

“Mu mwaka ushize yabandanije ingendo, iyo haba hari abantu bashaka kumufata ntaho yari kuja kuko bari kuba bamufashe […] ivyo tuzi ni uko bamujanye ku nguvu.”

Paul Rusesabagina (wa mbere uvuye i buryo), umugore wiwe Tatiana (wa kabiri uvuye i buryo), Don Cheadle (wa kabiri uvuye i bubamfu) n’umukunzi wiwe Bridgid (wa mbere uvuye i bubamfu) bashitse mu birori vya Oscar bigira 77, itariki 27/02/2005

Paul Rusesabagina yamenyekanye cane mu 2004 aho hasohoka film yitwa Hotel Rwanda yakinywe n’icamamare c’Uminyamerika Don Cheadle.

Iyo film ibara inkuru y’ukuntu Rusesabagina yakijije abantu barenga igihumbi bari barahungiye kw’ihoteli ya Milles Collines yayobora mu gihe ca jenoside mu Rwanda mu 1994.

Yaje gucana kubiri n’ubutegetsi bw’u Rwanda aho yatangura kunenga ibikorwa vyabwo.

Bwana Rusesabagina ni icegera c’umukuru w’urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na leta y’u Rwanda, MRCD-Ubumwe.

Urwo runani rufise umutwe wa gisirikare wa FLN, wiyemereye kugaba ibitero ku butaka bw’u Rwanda mu 2018, ibitero vyaguyemwo abantu.

Ivyo bitero ni vyo leta y’u Rwanda ifatirako mu kumwagiriza ivyaha vy’iterabwoba.

 

Exit mobile version