Site icon Rugali – Amakuru

Kenya: Icegera c’umukuru w’igihugu, William Ruto, yahawe abapolisi 257 bamucungera

Icegera c’umukuru w’igihugu wa Kenya William Ruto hamwe n’amatungo yiwe acungerewe n’abapolisi 257, harimwo bane bacungereye iyororero ry’inkoko ziwe, nk’uko bivugwa na reta y’iki gihugu.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati wa Kenya Fred Matiang’í yabwiye komite ijejwe umutekano mu nama nshingamateka nijoro ku wa gatatu ko izi mpinduka zakozwe mu bajejwe gucungera umutekano wa Ruto ari “igikorwa gisanzwe”.

Abanywanyi biwe barinubira izi mpinduka ku murwi w’abapolisi bacungereye Ruto, na rirya we na Perezida Uhuru Kenyatta badacana uwaka.

Umushikiranganji Matiang’í avuga ko mu ba polisi bacungereye Ruto harimwo 74 bo mu gisata kidasanzwe kijejwe gucungera umukuru w’igihugu.

Bamwe mu bapolisi bashizwe ku kigangara co ku kibuga c’indege kugira ngo bacungere kajugujugu za Ruto zibiri, nk’uko bivugwa n’umushikiranganji Matiang’i.

William Ruto, Icegera c’umukuru w’igihugu, n’abanywanyi biwe barinubira iyi ngingo iherutse gufatwa, bakavuga ko ishobora gutuma umutekano wiwe uhungabana, kandi ko ari ingingo ifise imvo za poritike.

Umushikiranganji Matiang’i ati: “Dushize ku ruhande ibivugwa, Nyen’icubahiro icegera c’umukuru w’igihugu ni we muntu wa mbere acungerewe umutekano muri kahise k’igihugu tugereranije n’abandi babaye muri iki kibanza”.

Abihweza ibintu n’ibindi babona ko aya majambo ashobora gutesha agaciro ingene Ruto akunze kwiyita “nk’ “umwinazi” (Hustler), mu kwigereranya n’Abakenya b’abakene.

Abanywanyi biwe basaba Matiang’i kwerekana kandi igitigiri c’abapolisi bacungereye abandi bategetsi bakuru bakuru.

Ruto yaracanyemwo na Perezida Uhuru Kenyatta – abihweza ibintu n’ibindi bakavuga ko imigenderanire hagati yabo yahungabanye kubera Perezida Kenyatta yarenze ku masezerano bari bagiriraniye yo gushigikira icegera ciwe kugira ngo azoshobore kumusubirira mu matora ategekanijwe mu mwaka uza.

Perezida Kenyatta yahisemwo gushigikira uwahoze ari umukeba wiwe ubu bakaba ari pfa mpfe, Raila Odinga.

Mu misi iheze, Perezida Kenyatta yasavye icegera ciwe Ruto gutanga imihoho, avuga ko bitumvikana ukuntu yovuga ko ari muri reta, ariko akaba ari kw’isonga ry’abayinegura.

Ikibanza c’icegera c’umukuru w’igihugu ni ikibanza gitangwa n’ibwirizwashingiro, bivuga ko Ruto adashobora kubogozwa.

BBC Gahuza

Exit mobile version