Site icon Rugali – Amakuru

Kagame wabaye nka wa mwana uri iwabo uvuna umuheha bakamuha undi, arashaka ko TPIR imuha undi muheha wo kuvuna! Muti gute?

U Rwanda Ruriyamiriza Irekurwa ry’Abagirizwa Ivyaha vya Jenoside. Umushikiranganji w’ubutungane w’u Rwanda yashikirije urwandiko rw’impapuro zibiri igisata ca ONU kiri i Arusha casubiriye sentare mpuzamakungu TPIR yacira imanza abakoze ihonyabwoko muri 94.

Umushikiranganji Johnson Busingye yabwiye ico gisata ko igihugu ciwe ciyamirije civuye inyuma irekurwa ry’abagirizwa ivyaha vy’ihonyabwoko, baba abarangije ibihano bakatiwe canke bamaze kurangiza 2 vya 3 vy’ibifungo. Yavuze ko iyo barekuwe babandanya umugambi wo guhungabanya umutekano w’igihugu.

Busingye yamenyesheje ko u Rwanda rwaronse amakuru ko n’abamaze kurekurwa ubu bakiri i Arusha, ko bafise umugambi mubi. Abo ni abagabo 11 barangije ibihano canke bagizwe abere.

Ijwi ry’Amerika ryabajije umushikiranganji w’ubutungane akaba n’intumwa nkuru ya Reta ko ivyo bitohava bifatwa nk’uko u Rwanda rudashigikiye ubutungane. Igisata ca ONU nticatomoye neza ko irekurwa ry’abarangije ibihano canke bamaze gukwiza 2 vya 3 vy’igifungo ko rigiye guhagarara canke ko rizobandanya.

Gusa Ousmane Njikam avugira ico gisata yavuze ko urwo rwandiko rugiye gushikirizwa abo biraba. Urazi neza ko ikibazo cerekeye irekurwa ry’abanyororo kubera bakwije 2/3 vy’igifungo cabo ari ikibazo c’ubutungane. Jewe ntabubasha mfise bwo kugira ico mvuze ku ngingo za sentare.

Ariko ivyo umushikiranganji w’ubutungane w’u Rwanda yashikirije biratomoye kandi yavyanditse, yabiduhaye. Natwe tugiye kubishikana mu nzego z’ubutungane n’abandi bategetsi vyega. Nibo bazomenya ico babikoza.

Urugendo rwa Busingye rubaye mu gihe, hari abagabo 3 bafunzwe bagirizwa ivyaha vy’ihonyabwoko, bamaze gusaba ko borekurwa.

Uwa vuba ni Simba Aloys, w’imyaka 80 yari kw’ipete rya Colonel, yakatiwe gufungwa imyaka 25, ubu afungiwe muri Benin. Yagiriwe no kuba yaragize uruhara rukomeye mw’iyicwa ry’abatutsi i Butare no muri Gikongoro ubu ni mu ntara y’amaj’epfo no mu ntara y’Uburengerazuba.

Ico gisata ca ONU cari casavye u Rwanda ko rwemera canke rugahakana ivyo yasavye ko yorekurwa, kuko mu kwezi kw’7 uyu mwaka w’2018 azoba akwije bibiri vya bitatu (2/3) vy’igihano yakatiwe.

https://www.radiyoyacuvoa.com/a/4386442.html

Exit mobile version