Inzego zijejwe umutekano muri Repubulika Iharanira intwaro rusangi ya Congo zataye mu mvuto abapatiri 10 hamwe n’abanyagihugu barenga 200 bari mu myiyerekano ku munsi wa Mungu basaba Prezida Joseph Kabila kuva ku butegetsi.
Ekleziya Gatolika niyo yahamagaje imyiyerekano yo kwiyamiriza iyo ndongozi, ikiringo gitegekanywa n’amategeko carangiranye na 2016.
Abantu batandatu barishwe ku mugwa mukuru Kinshasa, igihe igipolisi gikoreshereje umwuka wa gazi n’amasasu y’ukuri gishwiragiza abari mu myiyerekano yakozwe no mu tundi duce tw’igihugu.
“Tumaze gutororokanya abapatiri cumi bafashwe, barimwo Patiri Dieudonne Mukinayi wo kuri paruwasi ya Binza Ozone. Afungiwe mu nyubakwa y’umutegetsi ari muri leta kumwe n’abanyeshengero umunani,” niko Georges Kapiamba w’ishirahamwe riharanira ubutungane muri Congo “Congolese Association for Justice” yabwiye radiyo Okapi, ifashwe mu mugongo na Onu.
“Ku makuru dufise, baguma bahohoterwa. Impuzu zabo zaratabuwe. Ntawuzi irengero ry’ababikira babiri, abantu 257 bari mu myiyerekano barafashwe, bakaba bapfungiwe mu busho butandukanye bwa Kinshasa,” niko Kapiamba yabandanije avuga.
Umugwi “Lay Coordination Committee”, ishami rya Ekleziya Gatolika, niwo wasavye ko haba imyiyerekano mu gihugu cose, kugira ngo bagondoze ubutegetsi bushire mu ngiro amasezerano yapfunditswe hagati ya leta n’imigambwe bitavuga rumwe itariki 31 Ukwezi kwa 12, 2016.
Muri ayo masezerano yahagarikiwe na Ekleziya Gatolika, Kabila yategerezwa gutunganya amatora mu 2017.