Hadutse imigumuko ikomeye hagati y’abaporisi n’abanyepalestina ku musigiti mukuru wa Jerusalemu Al-Aqsa, ni imbere y’ibirori bitegekanijwe n’abayahudi. Abanyepalestina bateye amabuye abajejwe umutekano ba Israel, nabo baca batera vya vyuka bikoroza amosozi, nk’uko amakuru ava muri ako karere abivuga.
Kuva iyi migumuko yadutse, haraciye imisi itatu, abanyapalestina baharurwa mu majana n’abaporisi ba Israel baramaze gukomereka. Hari ubwoba ko kuri uyu wa mbere hashobora kuba iyindi migumuko yo kurwanya urugendo rutegekanijwe mu birori vy’umusi mukuru w’Abayahudi vyama biba buri mwaka.
Ibi birori ni ivyo kwibuka igihe Abayahudi bigarurira Ubuseruko bwa Jerusalemu (East Jerusalem) – igice kirimwo ibibanza vyeranda – muri ya ntambara y’imisi itandatu mu 1967, aho urwaruka rw’Abayahudi bazunguruka mu turere tw’Aba-Islam. Abanyapalestina batari bake babona ko uru rugendo ari agasomborotso.
Iyi migumuko mishasha ikurikiye icuka kibi cari kimaze ukwezi, iturutse cane cane ku ngingo yo gushaka kwirukana imiryango y’Abanyapalestina.
Kuri uyu wa mbere, vyari vyitezwe ko sentare nkuru ya Israel yihweza urubanza rwashinzwe n’abantu barenga 70 biyamiriza icemezo co kubirukana, kugira ngo ibibanza barimwo bihabwe ishirahamwe ry’abayahudi ry’abimukira rishaka kwimukira mu karere ka Sheikh Jarrah mu buseruko bwa Jerusalem, ariko ntiyashoboye gusasa kubera aka kaguma.
Ni ibiki vyabaye muri ino migumuko mishasha?
Habaye itana mu mitwe hanze y’umusigiti wa Al-Aqsa, kimwe mu bibanza vyubashwe cane mw’idini rya Islam. Ni ikibanza kandi ceranda cane mw’idini ry’Abayahudi (Judaism), kizwi nk’Umusozi w’Urusengero (Temple Mount/Mont du Temple), ikibanza kizwi ko ari co cariko rwa Rusengero rwa Jerusalem (Temple de Jerusalem) rwaturiwe n’umwami w’abami Titus mu 70.
Abanyapalestina amajana n’amajana bateye amabuye abajejwe umutekano, nabo baca babasubiriza mu nkoko mu kubatera vya vyuka bikoroza amosizi n’amasasu ya plastiki, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru AFP, rivuga ko abantu baharurwa muri mirongo bakomeretse.
Mw’itangazo, igiporisi ca Israel kivuga ko abajejwe umutekano bariko bakora uko bashoboye kugira bahagarike akaguma kari ku Musozi w’Urusengero, no mu tundi turere tw’ico gisagara.
Imigumuko yo kuri uyu wa mbere yakurikiye iyindi yari imaze amajoro atatu.
Ejo ku wa Mungu, Abanyepalestina mu karere ka Sheikh Jarrah bateye amabuye abaporisi ba Israel nabo baca babatera vya vyuka bikoroza amosozi, vya bimodoka bitera amazi navyo nyene bica birabishura.
Abaganga b’Abanyapalestina bavuga ko hari abari muri iyo myiyerekano batari bake bakomeretse.
Hari kandi n’iyindi migumuko hagati y’Abanyapalestina n’Abayahudi ivugwa mu gisagara ca Haifa kiri mu buraruko, no mu gisagara ca Ramallah kiri mu karere ka Cisjordanie (West Bank).
Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu ashimagiza ibikorwa vy’abaporisi mu kurwanya abanyapalestina bari mu myiyerekano ejo ku wa Mungu, akavuga ko reta yiwe itazigera yihanganira imirwi irondera guhungabanya umutekano mu gisagara.
Igihugu kibanyi ca Yorodaniya gisanzwe gihagarariye ibibanza vyeranda vya Islam mu buseruko bwa Jerusalem, kiriyamiriza ibikorwa vy’abajejwe umutekano ba Israel.
Eka n’abasanzwe bahagarariye ibiganiro mu karere k’Uburasirazuba bwo hagati – Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Umuryango wa Buraya, Uburusiya hamwe na ONU – bivuga ko bitewe impungenge n’iyongerekana ry’imigumuko, bigasaba impande zompi kwigumya.
Vyitezwe ko kuri uyu wa mbere Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano iza gukorana kugira ngo yihweze ingene ibintu bimeze muri ico gihugu.
None ni ibiki vyoba bitera iyo migumuko?
Icuka kibi cagiye kwiyongera kuva mu ntango z’ukwezi kweranda kwa Ramadan mw’idini rya Islam hagati mu kwezi kwa kane, aho hagiye hibonekeza ibintu vyinshi vyateye akaguma.
Kuva Ramadan itanguye, hadutse imishamirano mw’ijoro, hagati y’igiporisi n’Abanyapalestina biyamiriza za bariyeri zababuza gukoranira hamwe ku mugoroba.
Ishavu ry’Abanyapalestina ryagiye kuduzwa n’imyiyerekano y’intagondwa z’Abayahudi ziyamiriza amareresi yakwiragijwe ku mbuga hwaniro yerekana Abanyapalestina batera Abayahudi bo mw’idini ry’aba Orthodoxe muri ico gisagara, maze mu kwihora nabo baca basimbira ku Banyapalestina.
Izi ndyane zirangwa mu Buseruko bwa Jerusalem zifise amamuko muri ya ntambara hagati ya Israel na Palestina, aho buri ruhande rwiyitirira aka karere.
Mu 1980, Israel yigaruriye Jerusalem y’Ubuseruko, ingendo itashigikiwe n’ibihugu vyinshi kw’isi, maze ica ifata ko igisagara cose ari umugwa mukuru wayo.
Abanyapalestina bavuga ko Jerusalem y’Ubuseruko ari umugwa mukuru w’igihugu cabo muri kazoza kimaze kwikukira.