Ishyirahamwe mpuzamahanga riharanira uburenganzira bw’ikiremzwa muntu, Amnesty International rivuga ko intambwe yafashwe na leta y’u Rwanda yo gukura muri gereza umunyepolitike utavugarumwe n’ubutegetsi Victoire Ingabire hamwe n’umuririmvyi Kizito Mihigo kw’itariki ya 15 z’ukwezi kwa cyenda ari nziza kandi igana mu nzira nziza. Ibyo biri mw’itangazo iryo shyirahamwe ryasohoye ejo kuwa kabiri.
Amnesty International ariko isaba reta y’u Rwanda gutera izindi ntambwe mu gufungura urubuga rwa politike mu gihugu no gufata abafunzwe bose ku rugero rumwe, harimwo no gufungura Diane Rwigara washatse guharanira umwanya wa perezida mu matora aherutse muri icyo gihugu.
Victoire Ingabire, umukuru w’ishyaka FDU-Inkingi na Kizito Mihizo bafunguwe inyuma y’aho perezida atangiye imbabazi kunfungwa zitari nke tariki ya 15 z’ukwezi kwa cyenda 2018.
Ijwi ry’Amerika