Ibihugu vya Uganda n’u Rwanda vyoba bigomba bikemure ibibazo hagati yavyo? Ibiro vy’umukuru w’igihugu c’u Rwanda bimenyesha ko Perezida Paul Kagame yaraye yakiriye intumwa yari imuzaniye ubutumwa bwa mugenziwe wa Uganda, Yoweli Museveni.
Ambasaderi Adonia Ayebare yakiriwe na Perezida Kagame mu biro iwe, Ururwiro Village, ku mugoroba w’ejo ku wa Mungu azanye ubutumwa bwa Perezida Museveni bwerekeye imigenderanire hagati y’ivyo bihugu vyompi.
Umubaho hagati ya Uganda n’u Rwanda ntiwifashe neza, leta y’u Rwanda yagiriza iya Uganda ko ifasha imirwi y’inyeshamba ishaka gutembagaza ubutegetsi bwa Paul Kagame.
Leta y’u Rwanda kandi yagiriza Uganda ihohotera Abanyarwanda bagiye gutembera canke baba muri ico gihugu.
Ubutegetsi bwa Uganda nabwo bwagiriza u Rwanda ko rukora ibikorwa vy’igendereza ku butaka bwa Uganda.
Umubano mubi w’ibihugu vyompi waragize ingaruka zikomeye ku mibereho, imigenderanire, ubukungu eka n’abanyagihugu bamwe basize ubuzima ku mvo zishingiye kuri iki kibazo.
Nk’uko vyatangajwe ku rubuga rwa Twitter rw’ibiro vy’umukuru w’igihugu c’u Rwanda, Perezida Kagame yarabonaye n’iyo ntumwa idasanzwe ya Perezida Museveni, kandi ko baganiriye neza muri urwo rugendo rwiwe yagize i Kigali.
This evening at Urugwiro Village, President Kagame held a positive meeting with Ambassador Adonia Ayebare, President Museveni’s Special Envoy, who traveled to Kigali with a message regarding the two countries’ relationship. pic.twitter.com/DBJz6rzamp
— Presidency | Rwanda (@UrugwiroVillage) December 29, 2019
Eka na Ambasaderi Ayebare yarishimiye urwo rugendo, aho avuga ko yashikanye ubutumwa bwa Perezida Museveni.