Site icon Rugali – Amakuru

Ingabo z’Urwanda ziri muri Minusca zirashinjwa kwica abanyagihugu muri Centrafrique

Ingabo z’Urwanda ziri muri Minusca zoba zarishe abanyagihugu? Urwego rwa Minusca mu gihugu ca Centrafrique rwirukanye umwe mu banyamategeko barwo inyuma y’aho yagirije abasirikare b’Urwanda bari muri ico gihugu kwica abanyagihugu 30 ku mugwa mukuru mu kwezi guheze.

Juan Branco yari yahawe akazi na Minusca ko gukora nk’umuhinga yigenga mu guhanura ku bijanye na sentare mpanavyaha idasanzwe nshasha, ishinzwe kugira amatohoza ku vyaha vyo mu ntambara n’ibikorerwa zina kiremwa muntu.

Avuga ko iyirukanwa ryiwe bisa n’uko Onu ifise ico yiyotsa. Minusca ivuga ko yarenze ku masezerano bagiriraniye.

Exit mobile version