Site icon Rugali – Amakuru

Inama y’abakuru b’ibihugu by’akarere i Goma yatumijwe na Tshisekedi ntabwo izitabirwa n’u Burundi

Uburundi ntibuzokwitaba inama y’abakuru b’ibihugu vy’akarere i Goma yatumweko na Tshisekedi. Uburundi bumenyesha ko butazokwitaba inama itegekanijwe mu minsi iri imbere i Goma hagati y’abakuru b’ibihugu ba kano karere k’ibiyaga binini.

Nk’uko biri mu rwandiko ubushikiranganji bw’imigenderanire bwandikiye bugenzi bwabwo bwo muri Repubulika y’intwaro rusangi ya Congo ku wa 08/09/2020, ubu bushikiranganji buvuga ko abategetsi b’u Burundi badashobora kwitaba iyi nama kubera bafise ibikorwa vyinshi.

Iyi nama yatumweko na Perezida Félix Tshisekedi ikaba yohuje abakuru b’igihugu vy’a Congo, u Rwanda, Uganda, Angola n’u Burundi, mu ntumbero yo gutorera umuti ibibazo vy’umutekano muke mu karere.

Mw’urwo rwandiko, u Burundi bumenyesha ko igikenewe imbere ya vyose ari inama yohuza u Burundi na Congo, aho abashikiranganji b’imigenderanire b’ibi bihugu vyompi bobanza kuganira ku bibazo nkoramutima, nk’umutekano ku rubibe bihana.

Uri rwandiko ruvuga ruti: « Leta y’u Burundi ibona ko ubwa mbere hobanza hagategurwa inama yohuza abashikiranganji b’ibi bihugu bibiri, kandi iriteguye kuganira na Congo ku bibazo nyamukuru, nk’umutekano ku rubibe hagati y’u Burundi na Congo, guhanahana ibidandazwa hagati y’ibi bihugu bibiri, kwigira hamwe ibijanye na Covid-19 ku mbibe zacu hamwe n’ibindi”.

Vyari vyitezwe ko abakuru b’ibihugu batanu bahura mu nama, aba nabo bakaba ari Félix Tshisekedi wa Congo, Paul Kagame w’u Rwanda, Yoweri Museveni wa Uganda, Evariste Ndayishimiye w’u Burundi, na João Lourenço wa Angola.

Hampande ikibazo c’umutekano muri kano karere k’ibiyaga binini, bivugwa ko bokwihwereje hamwe ibijanye n’amasezerano yateweko umukono mu kwa kabiri 2013 i Addis-Abeba yerekeye kugarura umutekano mu karere k’ubuseruko bwa Kongo.

Intumwa z’ibihugu vy’u Rwanda, Uganda, na Congo zimaze iminsi mu gisagara ca Goma mu nteguro y’iyi nama, izari zirindiriwe zikaba iza Angola n’u Burundi.

Exit mobile version