Site icon Rugali – Amakuru

Igihe kirageze ngo Museveni nawe yirwaneho anyomoze Kagame ku mugaragaro!

Kagame ati ikibazo ni abanyarwanda bafungwa Museveni ati kiri hagati yacu. Umukuru w’igihugu c’u Rwanda Paul Kagame mu muhango wo gusangira n’abaserukiye ibihugu vyabo i Kigali ejo ku wagatatu, yagarutse ku kibazo kiri hagati y’u Rwanda na Uganda.

Bwana Kagame yabwiye abo banyacubahiro ko mu gihe abanyarwanda bagihohoterwa muri Uganda urubibe hagati y’ibihugu vyombi rudashobora kwugururwa.

Ariko mugenzi wiwe wo muri Uganda, Yoweri Museveni, we avuga ko ikibazo gihagaze kuri we na mugenzi wiwe Paul Kagame.

Prezida Paul Kagame yavuze ko hari intambwe zimaze kuboneka zigamije gusubizaho imigenderanire myiza hagati ya Uganda n’u Rwanda, ariko avuga ko intambwe ikiri ndende.

Yavuze ko mu minsi iheze hari abanyarwanda 9 barekuwe, ariko ko bamwe muri bo baciye bitaba Imana kubera basinzikarijwe ubuzima n’igihugu ca Uganda.

Yavuze ko benshi mu nzirakarengane z’abanyarwanda bagifungiwe muri Uganda.

PREZIDA PAUL KAGAME, YOUTUBE
Prezida Kagame avuga ko gufata abanyarwanda muri Uganda bihagaze, umupaka woca wugururwa

Ati harabaye ibiganiro vyinshi muri Uganda n’ahandi bigamije gusubizaho imigenderanire hagati y’ivyo bihugu ariko ntacavuyemwo.

Yagize ati: ”Naragiye muri Uganda kenshi mu bibanza bitandukanya gusaba ko borekurwa ariko nta na kimwe cakozwe… ikintu conyene nshobora gukora ni uguhanura abanyarwanda ntibagende muri Uganda”

Ikindi kibazo abona ko kibangamiye imigenderanire hagati y’ivyo bihugu ni ico yise uruhara rwa Uganda mu gushigikira imigwi itera u Rwanda.

Yagize ati: ”Nimwahagarika gushigikira imigwi imaze iminsi itera igihugu cacu imipaka izoca yugururwa. Bizoba ako kanya.”

Akoresheje imvugo mpishiro, Paul Kagame yavuze ko iyo ufise inzu ya nyakatsi imbere huzuye ubwatsi, ntukinisha umuriro kuko na rwawe ica isha.

Museveni we abona ikibazo kiri hagati ya we na Kagame

Mu gihe Paul Kagame yari kumwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Rwanda, mugenzi we Yoweli Kaguta Museveni nawe yari yagendeye abanyagihugu bo mu ntara ya Kisoro mu bumanuko bwa Uganda.

Nk’uko umumenyeshamakuru akorera muri Uganda yabwiye BBC Gahuzamiryango, Yoweli Kaguta Museveni yabariye abanyagihugu baho ko ikibazo kiri hagati y’abo bakuru b’ibihugu babiri, Paul Kagame na Yoweli Museveni.

Prezida Yoweri Museveni yabwiye abanyagihugu b’i Kisoro ko ikibazo c’u Rwanda na Uganda kiri hagati ya we na Prezida Kagame

Mu kwishura ibibazo yashikirijwe n’abanyagihugu ku vyereke Uganda n’u Rwanda, Yoweli Kaguta Museveni yavuze ko adashima kubivugira ku mugaragaro ariko yemeza ko ibiganiro biriko biraba kugira umupaka wugururwe.

Umukuru w’igihugu c’u Rwanda yavuze ko mu kwezi kuza hitezwe ko hazoba inama yo gusuzuma ishirwa mu ngiro ry’amasezerano ya Luanda, yo gusubizaho imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Haheze igihe kitari gito Uganda yagiriza u Rwanda kurungika abasumyi b’urusaku muri ico gihugu, u Rwanda narwo rukagiriza Uganda gufunga abanyarwanda bidaciye mu mategeko hamwe no gufata mu mugongo imigwi itera u Rwanda.

BBC
Exit mobile version