Site icon Rugali – Amakuru

Ibi ni nkibyo Kagame yigeze kubwira Museveni ko akina n'umuriro muri nyakatsi kandi bombi bazituyemo. Ese iya Nkurunziza nigurumana iya Kagame yo ntizafatwa nuwo muriro?

Urwanda “rurategura gukura prezida Nkurunziza ku butegetsi”

Inyandiko zo mw’ibanga z’ishirahamwe mpuzamakungu Onu ziragiriza Urwanda kwijiza no kwigisha mu bagwanyi impunzi z’abarundi mu ntumbero zo gukura ku butegetsi prezida w’uburundi, Pierre Nkurunziza.

Inkuru zitangwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya Reuters, ico cegeranyo c’abahinga ba Onu bakurikiranira hagufi ibihano vyafatiwe igihugu ca RDC, kivuga ko izo nyigisho zitangigwa mw’ikambi iri mw’ishamba mu gihugu c’Urwanda, nk’uko vyandikwa na Reuters.
Abo bahinga bavuga muri ico cegeranyo ko bavuganye n’abarwanyi 18 b’abarundi, mu buseruko bw’intara ya Kivu yo mu Bumanuko, mu gihugu ca RDC, nk’uko bibandanya vyandikwa n’iryo tororokanirizo.
“Bose babwiye uwo mugwi ko binjijwe mu barwanyi bavuye mw’ikambi y’impunzi ya Mahama, mu buseruko bw’Urwanda mu kwezi kwa gatanu n’ukwa gatandatu mu mwaka 2015, baca bigishwa igisirikare amezi abiri, kandi mu babigisha harimwo abasirikare b’Urwanda,” uko ni ko Reuters isubiramwo ivyanditse muri ico cegeranyo.
Uwuserukira igihugu c’Urwanda muri Onu, Eugene Gasana, yahakanye ivyo ico gihugu cagirizwa biri muri ico cegeranyo, aca abwira Reuters ko, “ Ivyo bije kugira ingaruka mbi ku cizere c’uwo mugwi w’abahinga, biboneka ko barenze akarimbi mu kurenga k’uvyo bari bajejwe, kuko biboneka ko bagize amatohoza ku Burundi.”

Image copyrightAP
Image captionOnu ivuga ko abantu barenga 400 bamaze kubura ubuzima kuva mu kwezi kwa kane

Uburundi buri mu matatu kuva mu kwezi kwa kane, kuva aho prezida Pierre Nkurunziza amenyeshereje ko azitoza mu kiringo kigira gatatu co kurongora igihugu, amatora yatinze aba yongera aratsinda.

Image copyright
Image captionGen Godefroid Niyombare, yari arongoye abasirikare bashatse gutembagaza ubutegetsi

Yarahatswe gutembagazwa ku butegetsi mu kwezi kwa gatanu na bamwe mu basirikare, harimwo n’aba generaux baherutse gucibwa urubanza rwo gupfungwa ubuzima bwabo bose.

Source: Urwanda “rurategura gukura prezida Nkurunziza ku butegetsi” – BBC Gahuza

Exit mobile version