Site icon Rugali – Amakuru

Harya ibi nabyo nugupfobya Jenoside? –> CNDD FDD isaba u Burundi kubaza u Rwanda abishe Ntaryamira

Kuri uno munsi hibukwa ku nshuro igira 23 igandagurwa ry’uwahoze atwara u Burundi, Cyprien Ntaryamira, umugambwe uri ku butegetsi, CNDD FDD, urasaba umuco.

Mw’itangazo rijanye n’uno munsi, CNDD FDD ivuga ko isubiye gusaba leta y’u Burundi kubaza leta y’u Rwanda umuco kw’igandagurwa rya bwana Ntaryamira, hakamenyekana ababigezemwo uruhara.

Muri iryo tangazo kandi CNDD FDD ivuga ko iboneyeho akaryo ko gusabira inshumbusho imiryango yasizwe n’abahisi, ku rugero rumwe nk’umugwi w’Abafaransa bari batwaye iyo ndege.

Itariki 06/04/1914, indege yari itwaye umukuru w’igihugu c’u Rwanda, Juvenal Habyarimana n’uw’u Burundi, Cyprien Ntaryamira, yarashwe iri hafi y’ikibuga c’indege ca Kanombe i Kigali, bose bahasiga ubuzima.

Bivugwa cane ko iraswa ry'indege ya Habyarimana ari ryo ryatumye hatangura jenoside mu Rwanda mu 1994Uwufise ububasha kw’isanamuAFP
Image captionBivugwa cane ko iraswa ry’indege ya Habyarimana ari ryo ryatumye hatangura jenoside mu Rwanda mu 1994

Iyo ndege kandi yaguyemwo abashikiranganji babiri b’Abarundi, Bernard Ciza na Cyriaque Simbizi.

Ukwitana bamwana

Leta y’u Rwanda ivuga ko iyo ndege yarashwe n’intagondwa z’Abahutu batashaka ko Habyarimana asangira ubutegetsi n’Abatutsi, ivyo bikaba ari ivyashitsweko n’itohoza kw’iraswa ry’iyo ndege ryakozwe n’u Rwanda.

Ariko hari abandi batunga urutoke abasirikare ba FPR bavuga ko aribo barashe iyo ndege, ivyo mbere bikaba vyaranavuzwe na bamwe mu bahoze mu gisirikare ca FPR.

Hari irindi tohoza ryakozwe n’ubushinjacaha bw’Ubufaransa, ariko ivyarivuyemwo ntibirashirwa ahabona.

Bivugwa cane ko iraswa ry’iyo ndege ari ryo ryatumye hatangura jenoside mu Rwanda mu 1994.

BBC

Exit mobile version