Hari kw’igenekerezo rya 03 ukwezi kw’icenda mu 1987, aho Majoro Petero Buyoya yatembagaza intwaro ya koroneri Jean-Baptiste Bagaza, muvyarawe, inyuma y’imyaka 11 ari ku butegetsi.
Nawe nyene yabushitseko atembagaje intwaro ya Michel Micombero, yagirizwa amabi yabaye i Burundi, cane cane mu mwaka wa 1972.
Iryo hirikwa ryabaye ata maraso asesetse, kuko Bagaza yagiye gutembagazwa ari mu rugendo i Quebec muri Canada, aho yari yitavye inama y’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa.
- Buyoya n’u Rwanda bagirizwa kuba inyuma y’itahukanwa ry’abasirikare b’u Burundi
- Buyoya agabisha ko amacakubiri y’amoko ashobora kwaduka kandi
- CNDD-FDD iriyama prezida Paul Kagame na Buyoya
Petero Buyoya yashinze ico yise Komite Ngarukiragihugu yari igizwe ahanini n’abasirikare bakuru mu gisirikare c’Uburundi, inyuma y’ugufuta ibwirizwashingiro ryari ryatowe mu mwaka wa 1982.
Yagiye kwimikwa igenekerezo rya 02 ukwezi kw’icumi uyo mwaka, aho mu ngingo nyamukuru yafashe kwabaye ukwihutira gukuraho ingingo zari zafashwe na Bagaza zo kwugara amasengero ya Ekleziya Katolika.
Ubutegetsi bwa Petero Buyoya bwa mbere bwamaze imyaka idashika itandatu, mu 1993 yatsinzwe mu matora ya mbere y’umukuru w’igihugu na Melchior Ndadaye ku wa 01 z’ukwezi kwa gatandatu.
Kuki Buyoya yatembagaje muvyarawe?
BBC yaganiriye n’inararibonye Déo Hakizimana (ubu ari mu murwi w’ugusubiza hamwe, CVR, ariko avuga ku gatwe kiwe), akaba yari umwe mu bariko bagerageza gukora kugira intwaro ya Bagaza isenyuke, nk’uko we nyene avyivugira.
Igihe Buyoya atembagaza ubutegetsi bwa Bagaza, Bwana Hakizimana yari apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba ari kumwe n’abandi bashika 200, bari mu mice yose y’ubuzima, eka mu bwoko bwose.
Bwana Hakizimana, avuga ko ubutegetsi bwa Bagaza bwatanguye kwerekana utunenge mu mwaka wa 1981.
Avuga ko ico gihe yahinduye izina ry’umuhari w’urwaruka rw’umugambwe UPRONA, wahora witwa JRR (Jeunesse Revolutionnaire Rwagasore) awita UJRB (Union de la Jeunesse Revolutionnaire du Burundi).
Avuga ko insiguro yatanze mu guhindura iryo zina zitari zifashe, mbere bikaba vyaboneka ko atashaka kwumva izina rya Rwagasore.
Ati: “Vyari ibintu bidashobora gusigurika, bikaba vyaboneka ko uvuze Rwagasore waba utosekaje izina rya Bagaza”.
Déo Hakizimana avuga ko ibintu vyagiye kwunyuka mu myaka ya 1984-1985, “cane cane igihe yashwana n’idini Katolika, akugara amasengero, agapfunga abapatiri.
“Yari ageze aho abwira abasenyeri ati: ‘kuva ubu nta hantu mukija’, bikagaragara ko ikintu conyene yatinya kwari ukubapfunga”.
Bwana Hakizimana, avuga ko guhohotera Ekleziya Katolika vyari bifise intumbero y’ivangura ry’amoko ryavuzwe muri iyo myaka, ahavugwa “indome za i-u canke T-H mu mashure”.
Mu bindi bagiriza ubutegetsi bwa Perezida Bagaza, Bwana Déo Hakizimana avuga ko atashaka umuntu n’umwe amunegura.
Ati: “Ku Mpimba honyene twari 200. Icadutangaza, yapfunga bose. Amaze kumenya ko hari ico uriko uramunegurako ico gihe kubatemera ivyariko birakorwa, baca bakujana”.
“Harimwo bose: abanyabururi, abahutu, abatutsi, abadandaza, abasirikare”.
Imyaka 11 yasize iki?
Jean Baptiste Bagaza yapfuye mu 2016 afise imyaka 69, imbere yaho yagize ikiganiro n’ikimenyeshamakuru Iwacu, avuga ko yafashe ubutegetsi ku nguvu kuko yabona ko Michel Micombero vyari vyamunaniye.
Bwana Bagaza yavuze ko afatanije n’amakungu yateje imbere ubutunzi bw’Uburundi mu burimyi eka n’ubuvuzi, bigatuma imibereho y’abanyagihugu ihinduka.
Bwana Bagaza yavuze ko ku butegetsi bwiwe hubatswe amavuriro menshi, amabarabara mbere eka n’ingomero z’imiyaga nkuba yavuga ko zari zigikoreshwa n’ico gihe (2015).
None ni ibiki nyamukuru vyaranze ubutegetsi bwa Buyoya?
Déo Hakizimana avuga ko Perezida Buyoya agishika ku butegetsi atashotse abona ibibazo nyamukuru vyari bihanze igihugu, cane cane ikibazo c’ubumwe bw’abarundi kivuye ku ngorane zari hagati y’Abahutu n’Abatutsi.
Bwana Hakizimana ati: “Ni washaka, bwira abashakashatsi barabe leta yashinze igihe afata ubutegetsi, yarimwo Abahutu bane gusa” kuri leta yari igizwe nabashikiranganji 20.
Avuga kandi ko Buyoya yashizeko komite Ngarukiragihugu yamufashije gufata ubutegetsi yari igizwe n’intwazangabo mu gisirikare 30 atamuhutu n’umwe yarimwo.
Avuga ati: “Ku bijanye n’ubumwe bw’igihugu, hagati y’Abahutu n’Abatutsi, n’aho kitavugwa cane rwose, vyaraboneka ko cariko kirafata imizi kandi ko bizoteba bigatera ingorane mu gihugu”.
Ikindi caranze ubutegetsi bwa Buyoya ni indyane z’Abahutu n’Abatutsi mu makomine abiri, abenshi bazi nka “Ntega-Marangara”, hari mu kwezi kw’umunani umwaka wa 1988.
Déo Hakizimana avuga ko izo ndyane zabaye muri komine Ntega y’intara ya Kirundo, na Marangara y’intara ya Ngozi zagize ingaruka ku buzima bw’igihugu n’akarere.
Ati: “Jewe mu bushakashatsi nagize, nasanze ari yo ntambara ya mbere yabaye y’akarere k’ibiyaga binini kuko ubiravye, yaratumye ikibazo kiba kirekire hagati y’u Rwanda n’Uburundi, mu nyuma na Congo irandukirwa”.
Kubwa Déo Hakizimana, ivyashikiye igihugu mu myaka yakurikiye, “vyavuye ku makosa yabaye y’ukutabona neza ivyari bigoye igihugu muri ico gihe, vyanatumye haba n’igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye ryakurikiwe n’amabi yagiye gukwiragira muri kano karere”.
Inyuma y’izo ndyane za Ntega-Marangara, vyabaye ngombwa ko Perezida Buyoya ahindura leta, aho haciye amezi abiri gusa, yashinze leta y’ubumwe yari igizwe n’igitigiri kingana c’Abahutu n’abatutsi.
Buyoya we hari ivyo yaranguye?
Déo Hakizimana ati: “Inyuma ya Ntega-Marangara, Buyoya yarabonye ko ukuri kutashobora kubandanya guhishwa, aca arakora ibitari bike vyatumye igihugu gitekana, n’aho wamengo vyakozwe ku musunikano”.
Mu vyakozwe, harimwo amasezerano y’Ubumwe bw’Abarundi yatowe kuwa 05 z’ukwa kabiri umwaka wa 1991.
Yaremeye kandi intwaro ishingiye ku migambwe myinshi inyuma y’ibwirizwashingiro ryatowe ku wa 09 z’ukwa gatatu 1992, aranategura amatora ya mbere y’umukuru w’igihugu mu kwa gatandatu 1993.
Bwana Hakizimana ati: “Ivyakurikiye, vyerekanye y’uko abahora batwara igihugu batari bafise intumbero y’ukurekura”.
Prezida Buyoya yagiye gushikiriza ubutegetsi ku wa 10 z’ukwa ndwi 1993, abushikiriza Melchior Ndadaye, umukuru w’igihugu wa mbere yatowe n’abanyagihugu ku wa 01 z’ukwa gatandatu 1993.
Yatwaye amezi atarenga atatu kuko ku wa 21 z’ukwezi kw’icumi uyo mwaka nyene yaciye agandagurwa, maze igihugu cinjira mu ntambara zamaze imyake irenga cumi.