Site icon Rugali – Amakuru

Hafashwe ubutare bwa coltan bungana 1070 Kg bwari buvuye ahitwa mu Kiziba muri Kabarore bujabuka mu Rwanda .

Hafashwe ubutare bwa coltan vers 01h30 bungana 1070 Kg bwari buvuye ahitwa mu Kiziba muri Kabarore bujabuka mu Rwanda. Bwafatiwe kuri frontière y’uburundi n’urwanda ku ruzi Mwogere ababufise bagira binjire mu Rwanda.
Haciye hafatwa abanyarwanda 7 n’umurundi 1 mubari babujanye bwari mugiye muri Gisenyi ,District : Nyaruguru ,Province du Sud .

Ivyo tubikesha ubukerebutsi bw’aba FDN bakoranye n’abanyagihugu akataretse kaba gasema.

Ingabo z’uburundi iyo zishaka bari kubatobagura, Kagame tukamuha ibiziga. Ariko kubera KO abarundi tutari inkozi zikibi nka Kagame, twarabegeranije, abirutse ntitwabakurikiza amasasu ngo tubamene imitwe.

Ubwo ga Kagame ntiwobona KO watsinzwe? Umurundi ajabutse akuzaniye intore,inyanya,…uca wica ukaturungikira ibiziga, ariko abawe ngabo baracakomeye.

Aho nta somo wokuramwo?

Ikimbabaza nuko ukwegera abanyarwanda.

Exit mobile version