Site icon Rugali – Amakuru

Gutsindwa kwa Kagama na DMI ye mu Burundi bikomeje kwigaragaza

Gutsindwa kwa Kagama na DMI ye mu Burundi bikomeje kwigaragaza

Inyuma y’imyaka itanu yaranzwe n’icuka kibi hagati y’Uburundi n’umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya (UE/EU) izi mpande zibiri zaraye zishinze umushinge wo gusubira kunagura imigenderanire.

Iyo migenderanira yari yarahagaze kuva mu 2015 kubera ukutumvikana ku bibazo bimwe bimwe, ariko ubu imyango ikaba isubiye kwugururwa nk’uko vyandikwa n’urubuga ngurukanabumenyi rw’ibiryo vy’umukuru w’igihugu.

Ejo ku wa mbere, Perezida Evariste Ndayishimiye w’Uburundi yarahaye umubonano uwuserukira uyu muryango aherekejwe n’abaserukira ibihugu biri muri uwo muryango bifise ivyicaro i Bujumbura.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu bimenyesha ko izi mpande zompi zumvikanye “kwibagira akahise zikibanda kuri kazoza maze zikanagura imigenderanire”.

Kuva hadutse indyane za politike mu 2015 bivuye ku ngingo ya nyakwigendera Perezida Petero Nkurunziza yo gusubira kwitoreza ikiringo kigira gatatu – abamurwanya bavuga ko gihonyanga ibwirizwa shingiro, ariko we n’abo mu mugambwe CNDD-FDD bavuga ko cari gikurikije amategeko – imigenderanire hagati y’izi mpande yaratitutse, zompi zikitana ba mwana.

Inyuma y’uwo mubonano, ibiro vy’umukuru w’igihugu vyamenyesheje ko abaserukira ibihugu vy’umuryango w’Ubumwe bw’ibihugu vya Buraya bemeye gukora uko bashoboye kugira ngo uyu Muryango ufate mu mugongo inzego z’Uburundi mu migambi y’iterambere, cane cane bishimikije ya migambi nyamukuru itandatu yashirwa imbere na Perezida Ndayishimiye.

Nk’uko bibandanya bivugwa n’ibiro vy’umukuru w’igihugu, abo baserukira ibihugu vyo muri uyo muryango mu Burundi bamenyesheje ko “hageze y’uko bakemura ibibazo batumvikanako mu bwubahane”.

Ku ruhande rw’umuryango w’Ubumwe bw’ibihugu vya Buraya, uwu mubonano ni umushinge wa kazoza keza mu migenderanire hagati y’Uburundi n’uyu muryango, nk’uko bivugwa na Claude Bochu, awuserukira mu Burundi.

Kuva haduka indyane za 2015 zagiye kuvamwo ukugerageza gutembagaza ubutegetsi ku wa 13 z’ukwa gatanu uwo mwaka, reta y’Uburundi yamye yagiriza umuryango w’Ubumwe bw’ibihugu vya Buraya ko ari wo ntandaro yazo, mbere ko inahaye indaro bamwe mu bashatse gutembagaza ubutegetsi.

Uyu muryango nawo wahavuye uranahagarika imfashanyo wahora uha Uburundi, ukagiriza reta ko yariko ihonyanga agateka ka zina muntu, amasezerano ya Arusha, kandi ko yariko irenga ku ngingo ya 96 iri mu masezerano yiswe Amasezerano ya Cotonou yo gufashanya hagati y’uyu muryango n’ibihugu bigize ACP.

Exit mobile version