Site icon Rugali – Amakuru

Gen Kayihura na DMI ya Kagame bakomeje gutungwa urutoki k’ubwicanyi muri Uganda nyuma y’urupfu rwa Kirumira

Urupfu rwa Mohammed Kiruma rwatumye haba ibibazo k’ukwiyongera k’ubwicanyi muri Uganda. Ejo mw’ijoro prezida wa Ugandayarashikirije ijambo abanyagihugu aho yavuze ku bibazo vyinshi biri muri ico gihugu muri iki gihe.

Iryo jambo ry’umukuru w’igihugu ryibanze ahanini ku kibazo c’umutekano muri ico gihugu. Ariko kandi yaravuze ivyerekeye indero, uburimyi hamwe n’imigambi mitomito.

Museveni yashikirije iryo jambo inyuma y’amasaha atari make umupolisi umwe wo mu rwego rwo hejuru Muhammad Kirumira yishwe arashwe hagufi y’umuhana iwe mu kigwati cegereye umugwa mukuru Kampala ku musi wa gatandatu mw’ijoro.

Kirumira yari umuntu atarabwa neza na bose, yishwe ari kumwe n’umupfasoni wiwe ku metero zike uvuye ku muhana wabo i Bulenga.

Uwufise ububasha kw’isanamuAFP
Image captionMu kwezi kwa gatatu mu 2017, Felix Kaweesi, umuvugizi w’igipolisi ca Uganda na we yarishwe arashwe

Umumenyeshamakuru wa BBC ari mu gisagara ca Kampala avuga ko Museveni yavuze ku bwicanyi buheruka ba Kirumira, umushingamateka Ibrahim Abiriga hamwe n’uwahoze ari umuvugizi w’igipolisi Felix Kaweesi.

Yavuze ko inzira nziza yo guhangana n’ubwo bugizi bwa nabi ari gutangura gushira kuraba intoke zakoze ku nkoho zose.

Museveni yavuze ati:”Iyaba inkoho zose zariko ibimenyetso, mu gihe irashe yociye ubwo nyene ajanwa ku mashini, hagaca hamenyekana ko urwo rusase rwavuye mu nkoho nimero kanaka. Iyaba imodoka n’ipikipiki vyari bifise nimero za electronike, ubu tuba tuzi umwicanyi uwo ari we.”

Urukurikirane rw’iyicwa ry’abantu muri Uganda ruteye ubwoba

Mohammed Kirumira n’umwe mu bantu benshi harimwo Maj Mohammed Kigundu na Felix Kaawesi bishwe co kimwe muri Uganda mu kiringo c’imyaka 2 iheze.

Mu kwezi kwa gatatu 2017, Felix Kaweesi, umuvugizi w’igipolisi ca Uganda yarishwe arashwe igihe yari mu modoka yiwe agana muhira iwe. Abamwishe n’ubu ntibarafatwa.

Mu kwezi kwa gatandatu, umushingamateka Ibrahim Abiriga yarishwe ari kumwe n’uuwumucungerera ubuzima ari muhira iwe inyuma y’igisagara ca Kampala, kandi nta muntu n’umwe arafatwa mu bamwishe.

Uwufise ububasha kw’isanamuFACEBOOK/ABIRIGA
Image captionMu kwezi kwa gatandatu, umushingamateka Ibrahim Abiriga yarishwe ari kumwe n’uuwumucungerera ubuzima ari muhira iwe

Kirumira yavuze ko yari afise ubwoba kubera iterabwoba ryo kwicwa yari amaze imisi agirirwa, ariko ko ivyo bitamubujije kuvugisha ukuri.

“Turerekana inkozi z’ikibi kugira dutabare igihugu. Uvuze uca upfa, unumye urapfa, nta kundi vyoba vyiza uvuze ugapfa abantu bamaze kumva ubutumwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu@AFANDE KIRUMIRA – FACEBOOK
Image captionMuhammad Kirumira yanebagura bikomeye urwego akoreramwo rw’igipolisi

Igihe kimwe Kirumira yigeze kubwira abamenyeshamakuru ati: “Ubutumwa bwanje rero ku bicanyi bitwaje inkoho n’uko munyishe ata co muzoba mukoze. Kubera nk’umuntu yizewe n’abanyagihugu ico nshaka gushikako ni ukuvugana n’abanyagihugu.

Source: BBC
Exit mobile version