Site icon Rugali – Amakuru

Evariste Ndayishimiye mu mwaka amaze ku butegetsi yagaruye u Burundi mu ruhando rw’amahanga

Evariste Ndayishimiye kuri uyu 18 ukwezi kwa gatandatu arakwije umwaka ashitse ku butegetsi bw’Uburundi, kubugarukana mu makungu akaba ari kimwe mu bikomeye vyaranze ico kiringo.

Kuva ashitse muri Ntare Rushatsi House – ibiro vy’umukuru w’igihugu mu Burundi- Prezida Evariste Ndayishimiye amaze kugendera ibihugu bitandatu, ni nk’urugendo rumwe buri mezi abiri.

Bitatu mu bihugu bitandatu Prezida Ndayishimiye amaze kugendera mu mwaka amaze ku butegetsi, – Kenya, Tanzania na Uganda – bisangiye n’Uburundi ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko, EAC.

Ibindi bihugu bitatu yagendeye ni Guinée Equatoriale na Centrafrique bihurira n’Uburundi mw’ishirahamwe ry’ubutunzi ry’ibihugu vyo muri Afrika yo hagati, CEEAC, hamwe na Misiri (Egypte).

Misiri gifise inyungu zidasanzwe ku mazi y’uruzi Nil, rimwe mu masoko yarwo rikaba riri mu Burundi.

Ico gihugu ubu kiri mu matati y’ayo mazi n’igihugu ca Ethiopia kivamwo ishami rya mbere rirungika amazi menshi muri Nil. Ayo matati ashingiye ku rugomero rw’umuyagankuba Ethiopia iriko irubaka kuri iryo shami.

Misiri ibona ko ivyo bishobora guhungabanya urugero rw’amazi atemba aja muri ico gihugu mu gihe kiyazeyeko uburaro n’uburamuko mu kuvomera imirima mu karere gasanzwe ahanini ari ubugaragwa (ubutayu).

Prezida Evaritse Ndayishimiye yagize urugendo mu Misiri mu kwezi kwa gatatu

Prezida wa Ethiopia Sahle-Work Zewde, nawe mu kwezi kwa kabiri yari yagendeye Uburundi.

Ariko ico kibazo ca Nil nticigeze kivugwa ku mugaragaro ko kiri mu vyo baganiriye n’abategetsi b’ivyo bihugu vyompi.

Urwanda rwo?

Mu bihugu bitanu bihurira n’Uburundi muri EAC, ivyo Evaritse Ndayishimiye ataragendera ni Urwanda na Sudan y’Epfo.

Imwe mu migenderanire Evariste Ndayishimiye yasanze yaratosekaye cane n’iyo hagati y’Uburundi n’Urwanda.

Mu kwezi kw’umunani mu 2020, abajejwe iperereza mu ngabo z’Uburundi n’Urwanda barabonaniye ku mupaka wa Nemba/Gasenyi.

Ni umubonano umunyabanga mukuru w’Inama Mpuzamakungu y’akarere k’ibiyaga binini (ICGLR) yavuze ko ari “intango nziza” n’amahirwe akomeye yo gukemura ibibazo hagati y’ibi bihugu.

Abashikiranganji bajejwe imigenderanire mu Burundi – Albert Shingiro- no mu Rwanda -Vincent Biruta – na bo babonanira ku mupaka wa Nemba/Gasenyi nyene mu kwezi kw’icumi mu 2020.

Ni bo bategetsi bo ku rwego rwo hejuru mu butegetsi bw’ivyo bihugu bahuye ku mugaragaro kuva mu 2015.

 

Impinga iraracari ndende

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu nka Human Rights Watch avuga ko muri uyu mwaka wa mbere Prezida Evariste Ndayishimiye amaze ku butegetsi agateka ka zina muntu kakomeje guhungabana biciye mu bwicanyi, mu kunyuruza no mu yandi mahano atadukanye.

Mu burorero bwa vuba, mu kwezi kwa kane n’ukwa gatanu harabaye ibitero mu ntara za Mwaro , Muryamvya na Bujumbura vyahitanye abantu benshi barapfa abandi barakomereka.

Ayo mashirahamwe asaba umukuru w’igihugu gushira mu bikorwa ivyo ashikiriza mu majambo ku bijanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu.

Mu bibazo vyari biteye icuka kibi hagati y’Uburundi n’Urwanda, igisa n’ikimaze gutera imbere conyene n’ikijanye n’itahuka ry’abarundi bahungiye mu Rwanda.

Mu vyo reta y’Uburundi yidogera u Rwanda, harimwo ko itorohereza abarundi bashaka guhunguka.. Kuva mu mwaka uheze, igitigiri c’abagiye barataha cagiye kiriyongera.

Uburundi busaba Urwanda kubushikiriza abo buvuga ko ico gihugu gihaye indaro kandi bubarondera ngo bashirwe imbere y’ubutungane bagirizwa kugerageza gutembagaza ubutegetsi mu 2015. Kuri ico nta ntambwe iraterwa ku mugaragaro.

Ingabo z’Urwanda na zo ziherutse gusubira kuvuga ko hari abo mu mugwi FLN urwanya Urwanda baherutse gusubira gutera ico gihugu baturutse ku butaka bw’Uburundi.

Urwanda kandi rwemeza ko abo barwanyi basanzwe bafise ibirindiro mw’ishamba ry’ikibira mu Burundi.

Ingabo z’Uburundi zirahakana ko ata bagizi ba nabi bari ku butaka bw’Uburundi bagamije gutera Urwanda.

Ukwo kwagirizanya n’ukubeshuza biri mu vyakomeje kuranga imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Imigenderanire n’ishirahamwe rya Buraya

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yahaye umubonano intumwa zihararaiye ibihugu vya Buraya mu Burundi mu kwezi kw’icumi kwa 12 mu 2020

Ku ncuro ya mbere kuva mu 2015, mu kwezi kwa gatanu umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire Albert Shingiro yagize urugendo mu bihugu bine vyo mw’ishirahamwe rya Buraya mu ntumbero yo kunagura imigenderanire n’iryo shirahamwe.

 

Iryo shirahamwe riri mu baha imfashanyo nini Uburundi imbere yo ku 2016 aho ryayihagarika mu ngingo ryafatiye ico gihugu ku birego birimwo guhonyanga agateka ka zina muntu.

Ibiganiro n’iryo shirahamwe vyatanguye mu ntango z’uwu mwaka. Ubushikiranganji bw’Uburundi bujejwe imigenderanire buvuga ko bwizigiye ko imigenderanire ishobora kuba yasubiye kuba myiza imbere y’uko uyu mwaka uhera.

Ibindi vyaranze uyu mwaka wa Ndayishimiye

Kimwe mu vyo Ishirahamwe rya Buraya risaba reta y’Uburundi n’ukutabangamira uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro no kumenyesha amakuru mu mwidegemvyo.

Muri iyo ntumbero, mu kwezi kwa cumi na kabiri, prezida Evariste Ndayishimiye yagiriye ikigongwe abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru Iwacu bari bamaze umwaka urenga bapfunzwe.

Mu kwezi kwa kabiri yetegetse urwego rwo gucungera ibikorwa vyo kumenyesha amakuru, CNC, kuvugana n’ibinyamakuru vyari vyafatiwe ibihano mu nkuruma yo kuva mu 2015 kugira bisubire gukora.

Kuva ico gihe Radio RSF-Bonesha FM, igisata co gushikiriza ivyiyumviro ku rubuga rw’ikinyamakuru Iwacu hamwe n’ikinyamakuru co kuri internet , Ikiriho, biramaze kwugururwa.

CNC yatangaje kandi muri iyi ndwi ko ata ”ntambamyi ko radio BBC isubira gukorera mu Burundi” uretse ko itegerezwa kubanza gusaba uburenganzira bushasha kuko ubundi yabwatswe mu 2019.

Uyu mwaka kandi Prezida Evariste Ndayishimiye yagiriye ikigongwe abafungwa barenga ibihumbi bitanu gutyo baronka uburenganzira bwo gusohoka umunyororo.

Ingorane zikiriho

Uguhagarika imfashanyo y’Umuryango wa Buraya ku Burundi biri mu vyatumye ico gihugu kigira ibibazo bikomeye vy’Ubutunzi.

Ubu giharurwa mu vya mbere bikenye cane kw’isi.

Umukuru w’Uburundi avuga mbere ko urugamba rumwe rwomyene igihugu ciwe gisigaranye ari ”ukurwanya ubukene”.

Muri izo ngendo amaze kugira hanze, Prezida Ndayishimiye amaze guterwa intege na bagenziwe basaba ko ibihano vyafatiwe Uburundi bivanwaho kugira bushire mu ngiro imigambi y’iterambere.

Exit mobile version