U Rwanda Rwakeje Ndayishimiye Yatorewe Kuyobora Uburundi. Mu butumwa bw’itangazo ubushikiranganji bujejwe imigenderanire n’amakungu, bwarungikiye Uburundi bwagaragaje ko hariho ugushaka ko kunagura imigenderanire hagati y’ibi bihugu 2, yatosekaye kuva mu mwaka w’i 2015.
Iri baruwa rigira riti : “Reta y’u Rwanda yipfuza gukeza umukuru w’igihugu yaraye atorewe gutwara Uburundi, General Major Evariste Ndayishimiye. U Rwanda kandi ruboneyeho akaryo ko kwemeza ko rufise ugushaka kwo gusubira kunagura imigenderanire myiza yamyeho kuva kera hagati y’ibihugu vyacu bivukana”.
Itangazo ribandanya rivuga ko u Rwanda rwifuriza Abarundi amagara meza, amahoro n’iterambere, cane cane muri iki gihe c’ikiza c’umugera wa corona.
Ibi vyatanguye gutera amakenga abatari bake ko iryo tangazo ritoba ari iry’ukuri. Yamara, radiyo Ijwi ry’Amerika yabajije umukozi wo mu gisata co kumenyesha amakuru mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu, yemeza ko ari ukuri, ndetse anatubwira ko ubwo butumwa bwamaze gushirwa ku rubuga rw’ubwo bushikiranganji.
Message de félicitations du Gouvernement de la République du Rwanda au Président élu de la République du Burundi. pic.twitter.com/adIAR7AIJT
— Ministry of Foreign Affairs & Int’l Cooperation (@RwandaMFA) June 6, 2020
Ku rubuga rwa Twitter, umugambwe uri ku butegetsi Cndd-Fdd, Evariste Ndayishimiye aturukamwo, wemeje ko wakiriye ubwo butumwa bwarungitswe na Reta y’u Rwanda.
Le Gouvernement de la République du #Rwanda adresse ses félicitations au nouveau Président Élu du #Burundi S.E Gén. Maj. Evariste Ndayishimiye et exprime sa volonté d’œuvrer à l’amélioration des relations historiques existant entre les deux pays frères. pic.twitter.com/ikQhAQY3oM
— Cndd Fdd (@CnddFdd) June 6, 2020
Uretse u Rwanda, n’ibindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko birimo Tanzaniya na Kenya, na vyo vyakeje Ndayishimiye yatowe ku majwi arenga gato 68% nk’uko vyemejwe na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro.
Umuhinga mu vy’imigenderanire yabwiye VOA ko ibi ari ibisanzwe ko ibihugu bikeza uwatowe, kuko biba vyiteze impinduka canke iterambere mu migenderanire y’ivyo bihugu.
VOA