Site icon Rugali – Amakuru

Ese Kagame ibi yabyemera? Joaquim Chissano asaba ko hoba ibiganiro n’inyeshamba zo muri Cabo Delgado muri Mozambique.

Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Mozambike, Joaquim Chissano, asaba reta y’ico gihugu kuraba ingene yoganira n’imirwi y’inyeshamba irwanira mu ntara ya Cabo Delgado.

Avuga ko hari “ubwoko bw’iterabwoba” bwarangiye biciye mu biganiro.

Mu kiganiro yagiranye na Radiyo Mozambique yegukira reta ejo ku wa gatatu, yavuze ati: “Birashoboka ko umukuru w’uwo murwi aja ahabona akaduha amahirwe yo kuja mu biganiro vyorangiza intambara”.

Uyu yahoze arongoye ico gihugu avuga ko ivyatumye intambara zaduka muri Cabo Delgado bitegerezwa kwihwezwa nk’inzira yo gutorera umuti w’ikibazo ca gisirikare n’imibano muri iyo ntara.

Joaquim Chissano yabaye umukuru w’ico gihugu kuva mu 1986 gushika 2005.

Yararongoye ibiganiro hagati y’umuhari w’inyeshamba warwanya reta yiwe, RENAMO, ibiganiro vyarangiye neza kuko vyashoboye kurangiza intambara yari imaze imyaka 16 yose gushika mu 1992.

Umukuru w’iki gihugu muri kino gihe, Filipe Nyusi, avuga ko afise ishaka ryo kuganira, ariko akidogera izo nyeshamba ko ziterekana “isura” yemera ibiganiro.

Intara ya Cabo Delgado irangwamwo intambara kuva mu 2017, bimwe mu bitero bikavugwa ko bikorwa n’umuhari uvuga ko ukorana Etat Islamique/Islamic State (ISIS) wiyita al-Shabab.

Iyo ntambara gushika ubu imaze guhitana abantu barenga 3.000 abandi barenga 800.000 barata izabo.

U Rwanda hamwe n’ibihugu bimwe vyo mw’ishirahamwe ry’ubutunzi rihuza ibihugu vyo mu bumanuko bwa Afrika, SADC, vyararungitse ingazo zavyo gufasha reta y’ico gihugu guhasha izo nyeshamba.

Source: BBC Gahuza

Exit mobile version