Site icon Rugali – Amakuru

DRC-Covid: Prezida Tshisekedi yiteje urukingo Moderna rwa Covid

Umukuru wa Repuburika ya Demokrasi ya Congo Felix Tshiseketi yiteje urucanco rwa Moderna rwa Covid -19 inyuma y’amezi yari aheze yanse urwa AstraZeneca avuga ko atarwizeye. Gushika ubu abategetsi ba Congo bari bakigonanwa guhimiririza abantu kwicandagisha.

Mu gihugu cose abangana n’umwe kw’ijana (1%) nibo bonyene bamaze kwicandagisha. Mu kwezi kw’indwi prezida Tshisekedi yari yavuze ko adashaka kwiteza AstraZeneca kubera impungenge z’uko rushobora gutera ukuvura kw’amaraso. Ariko ko azokwiteza urundi hamwe rwoboneka.

Yongeye avuga ko amaze kubura incuti kubera iyo ndwara, ko rero urucanco ari yo nzira yo gufata. Ku ndwi iheze Congo Kinshasa niho yaronka incanco za mbere za Moderna zishika ibihumbi 250.

Muri Congo ibiharuro bizwi icese vyerekana ko hamaze gupfa abantu 1.000 bahitanywe na Covid. Ico gihugu gisanzwe cugarijwe n’ibindi bibazo vyinshi vy’indwara harimwo mugiga (meningite) imaze kwica abatari munsi ya 120 kuva mu kwezi kw’indwi.

BBC Gahuza

 

Exit mobile version