Site icon Rugali – Amakuru

DR Congo: Tshisekedi yababariye abagabo babiri bagize uruhara mw’iyicwa rya Perezida Laurent Kabila

DR Congo: Tshisekedi yababariye abagabo babiri bagize uruhara mw'iyicwa rya Perezida Laurent Kabila

Abagabo babiri bagiriwe n’icaha co kwica uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo, Laurent-Désiré Kabila haraciye imyaka 20, bahawe ikigongwe.

N’aho Perezida Kabila yarashwe n’uwamucungerera ubuzima, babiri mu bategetsi biwe bo hejuru, Koroneri Eddy Kapend na Georges Leta, baragize uruhara mw’iryo gandagurwa.

Mu kwa gatandatu kw’umwaka uheze, Perezida Félix Tshisekedi yagabanije igihano c’urupfu bari baciriwe.

Iki kigongwe gitanzwe mu gihe hari ukutumvikana hagati ya Perezida Tshisekedi n’uwo yasubiriye, umuhungu wa Laurent Kabila ari we Joseph Kabila.

Joseph Kabila yafashe ubutegetsi inyuma y’urupfu rwa se wiwe mu 2001, akaba yarongoye DR Congo mu kiringo c’imyaka 18 imbere y’uko Perezida Tshisekedi atsinda amatora yo mu kwa cumi na kabiri 2018.

N’aho bwari bwo bwa mbere habaye uguhererekana ubutegetsi mu mahoro kuva mu myaka hafi 60 yari iheze, abatari bake mu bafise uruhara mu buzima bwa politike ya Congo bariyamirije ivyavuye muri ayo matora.

Hari benshi bazi ko uyu mukuru w’igihugu mushasha yagiranye amasezerano yo mu mpisho na Joseph Kabila, gushika n’ubu agifise inguvu nyinshi mu gihugu.

Giscard Kusema, umwe mu bajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP ko Koroneri Kapend hamwe na bamwe mu bo bapfunganywe “baronse ico kigongwe c’umukuru w’igihugu..ikaba ari ingingo iraba benshi ata nkunzi”.

Koroneri Kapend yari umwishikira cane kwa Perezida Laurent Kabila. Sentare yasanze ari we yateguye igandagurwa ryiwe, afatanije n’abandi bari bajejwe umutekano w’uyo yahoze ari umukuru w’igihugu, harimwo mbere n’uwari ajejwe ibiro vy’igendereza ico gihe, Georges Leta. Bompi barahakana ko ata ruhara babigizemwo.

Félix Tshisekedi yatsinze amatora yo mu kwa cumi na kabiri 2018 yabayemwo impari, maze aca ashikirirwa ubutegetsi ku wa 24 z’ukwa mbere 2019

Iki kigongwe gitanzwe inyuma y’indwi nkeya Perezida Tshisekedi asambuye ihuriro ryiwe n’umugambwe wa Kabila usanzwe ari wo wiganje mu nama nshingamateka, inyuma y’umwaka wose barabana urunuka.

Muri kino gihe, Perezida Tshisekedi ariko arondera urundi runani rwomutuma agira inguvu zikwiye mu nama nshingamateka.

Laurent-Désiré Kabila yari yafashe ubutegetsi ku wa 17 z’ukwa gatanu 1997, atembagaje intwaro ya Mobutu Sese Seko Kuku Ngbendu Wa Za Banga mu ntambara yamaze amezi hafi indwi, afashijwe n’ingabo cane cane z’u Rwanda, Uganda na Angola, maze yomora uyu mukuru w’igihugu citwa Zaire ico gihe yari amaze imyaka ishika 32 agitwaza umukazo.

Ubutegetsi bwa Perezida Kabila ntibworohewe kuko haciye imisi mike imigenderanire hagati yiwe na bamwe mu bamufashije gufata ubutegetsi, u Rwanda na Uganda, yaratitutse bituma haduka intambara ya kabiri mu 1998, intambara ivugwa ko yagizwemwo uruhara n’ibihugu icenda, harimwo Zimbabwe, Angola na Namibia vyagiye kumufasha kurwanya abari bateye igihugu ciwe.

Yagiye kugandagurwa ku wa 16 z’ukwa mbere 2001, amaze imyaka itatu n’amezi hafi umunani, maze inama nshingamateka ica yemeza ko umuhungu wiwe, Joseph Kabila, yomusubirira.

Joseph Kabila nawe yagiye kuva ku butegetsi atsinzwe muri ayo matora yo mu 2018, amatora yabayemwo impari, akiyamirizwa na bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Kabila, cane cane Martin Fayulu avuga ko ari we yayatsinze ariko akanyarwa intsinzi.

Exit mobile version