Site icon Rugali – Amakuru

Covid-19: Ubwoko bwayo bwo mu Buhinde bwashitse muri Uganda

Uganda yatangaje ko yagaragayemwo ubwoko bushasha bwa Covid-19 bwo mu gihugu c’Ubuhinde, uwuyirwaye akaba ariko aravurwa.

Ibipimo vyafashwe kuri uwo muntu itariki 26 z’ukwezi kwa gatatu, akaba ariko aravurirwa mu bitaro vya Mulago National Referral Hospital.

Uganda iramaze kugaragaramwo kandi ubwoko bushasha bw’ico kiza bwo muri Nigeria, Ubwongereza na Afrika y’epfo.

Umuyobozi nshingwabikorwa w’ikigo co muri Uganda kijejwe indwara zandukira, Dr. Pontiano Kaleebu, yavuze yuko gushika ubu Uganda imaze kubonekamwo umuntu umwe gusa afise ubwo bwoko bushasha bwa Covid-19 bwo mu Buhinde.

Ubu bwoko bushasha vyemejwe ko bwatowe muri Uganda mu gihe igihugu c’Ubuhinde co muri Aziya bukomakomwo gihanganye n’umupfunda wa Covid-19 ugira kabiri, umaze gusasika inganda mu miji minini minini.

Vyateje ikibazo gikomeye c’amagara mu gihe ibitaro vyaherewe n’ibibanza vyo kwakira abarwayi, gufuba abahasize ubuzima navyo ubu bikaba bibera mu bibanza vy’ahasanzwe hasigwa imiduga (parking).

Kaleebu yavuze yuko ubu bagiye kwibanda ku gukumira hamwe no gupima cane ku mbibe za Uganda.

Iki gihugu caratanguje umuce wambere wo gukingira abanyagihugu Covid-19 mu kwezi kwa gatatu, nyuma yo kuronswa inkingo 864.000 za AstraZeneca zivuye mu mugambi wa Covax, hamwe n’izindi 100.000 zavuye mu Buhinde.

Ubunde muri kino gihe bugeramiwe n’umufunda ugira kabiri w’ikiza ca covid-19

Abahereweko gukingirwa mu muce wambere ni abakora akazi gatuma bagira ivyago vyinshi vyo kwandura barimwo abakora mu vy’amagara y’abantu, abasirikare, abapolisi hamwe n’abigisha.

Harimwo kandi n’abafise indwara zituma abasoda b’umubiri bagabanuka, kuva ku myaka 18 kurenga co kimwe n’abakuze cane.

Ariko abemera kwikingiza ni bakeyi cane. Abashika 304.000 gusa nibo bamaze kwiteza urukingo rwa mbere gushika ubu.

Uganda yatanguye kworosha amategeko ya guma-muhira mu kwezi kwa gatanu mu mwaka uheze, ariko ingingo zo kwikingira nko kwambara agapfuka-munwa hamwe no kutegerana cane, zubahirizwa gake cane.

Exit mobile version