Umuti uzimbutse kandi uri mu burere bwose bwo kw’isi umaze kugaragara ko ushobora kurokora ubuzima bw’abarwayi ba coronavirus basanzwe baremvye.
Abahinga b’abongereza bavuga ko uwo muti, uzwi kw’izina rya dexamethasone ari intambwe ikomeye cane mu rugamba rwo kurwanya iyi ndwara ruhonyabantu.
Niwo muti wa mbere kw’isi umaze kuboneka ko ukomeye mu miti yose iriko irageragezwa kw’isi mu kuvura coronavirus.
Uwo muti ushobora kurokora ku rugero rw’ica gatatu ubuzima bw’abantu basanzwe bariko bavurwa hakoreshejwe vya vyuma bifasha guhema.
Ushobora kandi kurokora ku rugero rw’ica gatanu ubuzima bw’abarwayi nabo bariko bavurwa mu guhabwa impemu zo guhema.
Abashakashatsi babona ko iyo uwo muti uba warakoreshejwe mu kuvura abarwaye iyo ndwara kuva mu ntango mu Bwongereza, ubuzima bw’abashika 5000 buba bwararokotse.
Uwo muti uboneka kandi ko ushobora kugira akarusho kadasanzwe mu bihugu bikenye bifise ibitigiri binini vy’abarwaye Covid-19.
Leta y’Ubwongereza ku ruhande rwayo yarategekanije mu bubiko bwayo uwo muti wo kuvuga abantu bashika 200.000.
Ivuga ko igisata kijejwe amagara y’abantu NHS kizoronswa uwo muti kugira ngo kiwuhe abarwayi bizoba ari nkenerwa ko bawuhabwa.
Hafi 19 kuri 20 banduye coronavirus barayikira batarinze kurazwa mu bitaro.
Nayo ku basanzwe barajwe mu bitaro, abenshi barakira ariko hari bamwe biba ngombwa ko bahabwa impemu canke bakambikwa vya vyuma bibafasha guhema.
Abantu nk’aba rero nibo barwayi baba babangamiwe, bikaba ngombwa ko bahabwa dexamethasone.
Mu bikorwa vyo kugerageza uwo muti vyari birongowe n’ishure kaminuza rya Oxford, hafi abarwayi 2000 bari barwariye mu bitaro barahawe dexamethasone baca bakorerwa umwihwezo bagereranije n’abandi 4000 batahawe uwo muti.
Ku barwayi bariko baravurwa hifashijijwe vya vyuma bibafasha guhema, urugero rwo gushobora gupfa rwaragabanutse kuva ku bice 40% gushika kuri 28%.
Ku barwayi bari basanzwe bariko bahabwa impemu, urugero rwo gushobora gupfa rwaragabanutse kuva ku bice 25% gushika kuri 20%.
Umwigisha Peter Horby yari ajejwe amatohoza avuga ati: “Uwu niwo muti wonyene gushika ubu werekanye ko ushobora kugabanya urugero rw’abahitanwa n’iyo ndwara – kandi wararugabanije biboneka. Ni intambwe ikomeye cane”.
Umwigisha Martin Landray arongoye ubwo bushakashatsi avuga ko mu vyo batoye, uwo muti ushobora kurokora ubuzima:
- Bw’umuntu umwe ku barwayi umunani bariko bavurwa hifashishijwe vya vyuma vyo guhema
- Bw’umuntu umwe ku barwayi hagati ya 20 na 25 basanzwe bariko baravurwa bahabwa impemu zo guhema
Ati: “Hariho koko akarusho kagaragara. Uwo muti umurwayi awukoresha gushika ku minsi 10 ukagurwa hafi amadolari 6.29 kuri buri murwayi.
“Rero mu bisanzwe kugira ubuzima bw’umurwayi burokorwe, hakenewe amadorari hafi 44. Uwu ni umuti uri mu burere bwose kw’isi”.
Umwigisha Landry avuga ko aho bishoboka, abarwayi bakwiye gutangura kuwuhabwa vuba bishoboka.
Hagati aho, si ukuvuga ko abantu boca baja kuwugura ngo bawufatire muhira.
Dexamethasone bisa n’uko atari umuti wo gufasha abantu bafise ibimenyetso bito vya coronavirus atari ba bandi ari ngombwa ko bafashwa guhema.
Umuti witwa hydroxychloroquine usanzwe uvura malaria ukaba wariko ugeragezwa mu kuvura coronavirus kuva mu kwa gatatu uherutse guhagarikwa kubera ubushakashatsi bwerekanye ko ushobora gusongera isibe aho gukiza.
Hari uwundi, remdesivir, uvura imigera wowo uriko urarwizwa mu bigo vya NHS kuko wabonetse ko ufise akarusho mu kuvura coronavirus kuko ufasha kugira ngo abarwayi bakire ningoga.