Site icon Rugali – Amakuru

Coronavirus: Abarundi n’Abanyarwanda baravuga uko byifashe aho bari mu mahanga

Coronavirus: Abarundi n'Abanyarwanda baravuga uko byifashe aho bari mu mahanga

Icyorezo cya virus ya covid-19 gikomeje guteza impagarara ahantu hatandukanye ku isi, Abanyarwanda n’Abarundi bari mu mahanga bandikiye BBC uko byifashe aho baherereye.

Kugeza ubu iyi virus imaze kugera mu bihugu 176 ku isi, mu gihe ejo ku gicamunsi ari bwo abayanduye ku isi barenze 200,000 uyu munsi bamaze kurenga 219,000.

Abarundi n’Abanyarwanda bari mu mahanga bandikiye BBC Gahuzamiryango kuri Facebook batubwira aho bari uko byifashe.

Ubu ni bumwe mu butumwa bwa bamwe muri bo:

Ntunzwenimana

Jewe ndi muri Kenya, Bungoma county,nsanzwe ndi umwigisha kwishuri rimwe ryaho Bungoma. Ni kuvuga ubu ubuzima bwahagaraye kubera ico kiza ca Corona virus kubera amashuri yose yategetswe kwugarwa kugira abana baje kuguma mumihana iwabo murwego gwo kwirinda ico kiza.

Igituma mvuga ko ubuzima bwahagaze nuko twahora turonka ico twifashisha kubera twatonze kukazi nayo ubu kubera tutari kukazi, ntitubona uko tugiye kubaho mugihe aha muri Kenya amashuri menshi ari ayabikorera utwabo nabo bakaba baguhembera ico wakoze. Ubu turifumberereje kabisa ntitubona iyo tugana. BBC urakoze uduhaye ijambo.

Uwufise ububasha kw’isanamuNTUNZWENIMANA

Ndayishimiye Edmond

Ndi muri Zambia ndi kumva ngo yahageze uretse ko amashuri azafunga ku wa 5 arko nta zindi ngamba Leta yafashe gusa dusabwa gukora ibyacu tukicyingira.

===

Nitwa Fanny ndi umunyarwanda, mba muri Asia (Kuwait) hano baririnda cyane nta kibazo ikibazo kiri kuri ibi bihugu byacu bya Afurika. Gusa kubera Imana bizamera neza

===

Ben Djuma

Ndi umurundi nkaba mba mu bufaransa aho ndi nta gakacira abantu bose bari mu mazu yabo:

Uwufise ububasha kw’isanamuBEN JUMA

Bikorimana

Hello BBC, mperereye mu mujyi wa Nairobi, Karen- Langata road, aho ibintu bikomeye gusohoka, naje kwiga none hostel zafunzwe mbura nindege yo gusubira i Rwanda. Nishyuye umwaka wose none twirukanywe muri hostel, ubuzima buragoye

===

Cadeau Ndayishimiye

Hello, ntuye Nairobi, Kitengela ubu kbx ibintu ntibyifashe neza, batangiye gufunga ahantu hahurira abantu benshi nk’amasoko utubare n’ibindi kuri ubu ibyashara byahagaze.

===

Mwiriwe nitwa Sinarinzi ndumurundi ava mu Rumonge nkaba mba i Greytown KwaZulu natal South Africa. Uko mbona jewe coronavirus irabangamiye amagara n’akazi k’abantu nk’ubu ifaranga mvamakungu ryaduze kuva kuri R14.30 gushika kuri 16.89 ubu ubuzima bw’abantu bato bato busa nk’uburiko buragira uruhombo runini icokogwa n’ugusenga Imana idukize iki kiza.

===

Jewe ndi Tanzania mu ntara ya Kigoma bariko batwirukana ngo dutahe ngo ntiduhave twanduye covid19

===

Amani Irakoze

Jew ndi muri Africa yepfo Johannesburg, ivyo mbona abantu cane cane abazungu kuva kuwa mbere bariko barasuma ibyo kurya vyinshi kugira ngo bagume mu mazu mu kwirinda ico kiza, abandi bakavuga ko bibaza ko ibiryo bigiye kubura kandi ubona ko abantu batekewe n’ubwoba bagenda bambaye amagants ku maboko bifunze no kumunwa eka ubwoba ni bwishi kuko leta isa niyahagaritse ibikorwa bimwe bimwe nk’amashure yugaye, imbibe zirugaye eka ntivyoroshe kabisa.

===

Moise Niyonkuru

South africa Nitwa ntuye mu ntara ya Mpumalanga. aho mperereye abantu bayifata nk’imifyino umengo ntaco bibabwiye. Mubisanzwe ico kiza ca corona ntikirashika mu micungararo yaho ntuye, ariko hariho n’abandi bantu ubona ko bafise ubwoba bw’iki kiza ca corona.

Ico nobamenyesha nuko kuva uyu musi amashure yugawe kandi na graduation yari yiteguriwe gukorwa uno musi yabaye cancelled kubera kubera ikiza ca corona.

====

Ruzindana Alex

Ni njye Uhagarariye abanyaRwanda baba muri Pologne.

Muri macye aha tuba imipaka yarafunze.

Amabwiriza ajyanye no Kwinjira no gusohoka ameze gutya,(Reba hasi mu rurimi rwi cyongereza)….

Hagati aho ibintu mu maduka byari byashize kubera abantu bahahiye byinshi icyarimwe ariko birimo kugenda bijyanye mu buryo.

====

Fabrice Ndikumana

Ndi umurundi nkaba ndi muri Oman ubu. Ino uko vyifashe ntako, ni nk’ahandi nyene muri kano karere ka golf, amashure yarugawe, ariko imirimo mitomito irakorwa.

Aho duherereye ni mugace ko hagati kitwa Fida, muri make, atari ubwoba bw’ibivugwa, ntawe turabona yahitanye canke ayigwaye!

Uwufise ububasha kw’isanamuFABRICE NDIKUMANA

Turabona havugwa ko abegereza 20 boba barayibasanganye, ariko ntamakuru yandi. Ikintu novuga ni abantu bafise ubuzi i Mascat kumugwa mukuru wa Oman, bashobora kuzoyikwiragiza mu gihugu cose kuko baratonda kukazi dimanche, bakagaruka mu mijyi yabo mitoya kuwakane kumugoroba. Amatungo, canke ibitungwa navyo bishobora kuba vecteur kuko nka hose ibitungwa bisa n’ibibana n’abantu. Murakoze

===

Bayo Ngoga

Muraho, ntuye Ethiopia gusa hano imirimo yahagaze abantu bumiwe. Ikibabaje nuko ihohoterwa ryatangiye abantu bakubitwa ngo nibo bazanye coronavirus. Ni ugusaba Imana ntibikoneze

===

Marie Tuyisenge

Amahoro ndumurundikazi ndi muri Sénégal Aho reta yafashe ingingo yo guhagarika amashure igihe cindwi zitatu hanyuma ejo hahise hakaba hasohotse itegeko ryukudakoranira mu masengero nkakarorero ekleziya katolika

====

Senkulpa Aūgusteno

Mwiriwe canke mwaramutse! Jewe nsanzwe ndi umurundi ari mugihugu ca Malawi. Kubijanye na Coronavirus canke Covid-19 novugako tucikinze gato kuko ntirahagera.

Ibikorwa birabandanya ukuri kwamye gusa ubushikiranganji bubizejwe bubandanya butanga impanuro uko twovyifatamwo nibimenyeco vy’iyo virus. Nuko vyifashe hano Malawi.

====

Anny Yayo

Ndabaramukije cane!!!Kenya abantu Bafise ubwoba bwinshi cane abanyeshure basubizwe mungo zabo, akazi karahagaze; Ariko nyakubahwa Uhuru arabona ko atawundi muti Atari kwiyegereza Imana!!! Kurivyo yatangaje ko Saturday igihugu cose kizokora amasangesho yo kwihana!!!Anny Eric Nahimana From Kenya

Mamdal

Nitwa Ndayisaba ndumurundi mba mububirigi ville Antwerpen ibintu nivyifashe neza na gato turi munzu nta usohoka hanze twatanguye kugira dépression

===

Bukuru

Ndi umurundi mba mu bubiligi. Uko vyifashe ino ni uko guhera isaha zitandatu z’umutaga hafashwe ingingo y’uko abantu bagabanya ingendo bikunze bakazihagarika.

Abaja gusuma ivyo bafungura, abakora ubuzi budasaba gukorera muhira n’abandi bafise imvo zumvikana kandi zihutirwa nibo barekuriwe gusohoka. Abakora imyimenyerezo (imyitozo) ngororamubiri nabo nyene bararekuriwe kuyikora mugabo mugihe ari babiri; ni ukuvugako atawurekuriwe kwiruka canke kunyoga ikinga (igare) ari we nyene.

Imiduga yunguruza abantu ibandanya ikora mugabo abayijamwo birinda kwegera umudereva; baca binjirira ku muryango udaherereye Aho umudereva yicaye. Ng’izo ngingo muri make zafashwe mu ntumbero y’ukwirinda ikwiragizwa rya Covid-19.

===

Tuyizere Gedeon

Ndi umunyarwanda mba muri Beijing ndiga, ubu amasomo yarahagaze kubera covid-19, turi kwigira online, tuba mu kigo ntabwo dusohoka mukigo, ibyo kurya byarahenze.

Uwufise ububasha kw’isanamuTUYIZERE GIDEON
Image captionUmunyarwanda uri i Beijing aravuga uko bimeze

Mpoze J. Baptiste

Ndi Umunyarwanda mba I Kampala arko ubu nari ndi ku mupaka wa Mpondwe wa Uganda na DRC aha turi nta cyorezo kirahagaragara turishimye peee ariko twumviseko Museveni ashobora gufunga umupaka mu buryo bwogukomeza kwirinda Coronavirus.

===

Jonas Minani

Ndabaramukije mvuka mu Burundi ubu nkaba ndi mûri Irani, kubera ikiza ca Coronavirus imirimo ituma abantu bahura ari beshi barayihagaritse nk’amashure n’amasengesho yo kwijuma.

Mukuyirwanya bakaba bifashisha vya bimodoka bizimya umuriro nivyo bigenda birapompa ama anti infection kumabarabara bagategeka n’abanyagihugu ko bokwirinda gusohoka bakaguma muhira mugihe bari bageze mumpera z’umwaka bitumye badahimbaza umwaka mushasha (Noruz)neza. Abarundi bose turikumwe ino nta numwe arafatwa nako karanda

====

Niyonkuru Franck

Bonsoir BBC n ndi de nationalite Burundaise hama niga muri India ahantu bita tamil Nadu, jewe aho ndi ibintu ntibimeze neza kubera leta yarugaye amashure yose ubu tuguma mu nzu n’ubwoba bwinshi. merci

===

Mwaramutse neza. Ndi umurundi mba mugisagara ca Gênes Italy. Ubu nyene tuguma mumazu nkuko bakomeza kutubwira ariko ikibazo nuko abantu bakomeza kwirinda ariko ugasanga igitigiri cabandura gikomeza kuduga.

Aha ni igice gito ca Gênes aho uko vyahora mumisi iheze hari icahindutse ubu kubijanye na circulation.

Uwufise ububasha kw’isanamuS.BIGIRIMANA

Ndihano muri America, mu muji wa Chicago muri reta ya Illinois. Buri munsi haboneka abantu batarihasi ya 20 bamaze kwandura.

Ibigo by’amashuri byafunze guhera 2/17/2020 kugeza 3/30/2020. Bizaterwa nuko bizaba byifashe nuko babone gufungura amashuri.

Ububare nama restaurant byose byugawe kumara igihe cy’ibyumweru bibiri. Amasoko ntakibonekamo ibintu byibanze nk’amazi, ibiryo byumye cyangwa ibipapuro byo mumusarani.

Hand sanitizers, sanitized wipes, thermometers byose byarashize mumasoko abigurisha. Mbese wagira ngo ni imperuka.Hari ubwoba bwinshi mubantu.

Hamaze gupfa umuntu umwe yarafite imyaka 61 y’amavuko kandi yazize icyi cyorezo.

Imihanda ntabantu benshi nkuko byaribisanzwe.

Mbese ni byinshi navuga.

Murakoze

===

Busago

Twebwe turi muri Afrique du Sud muri province ya Limpopo town tzanneen! Nukuvuga yuko aho twiriwe uno munsi turonse ayo makuru ko hari abanduye uno munsi aha turi mubwoba budasanzwe!

Ikidutera ubwoba gusumvya nuko na reta ataco iri gukora kigaragara ni ukuvuga imirimo irabandanya usivye amashure yafunzwe nta kindi kigaragara kirakorwa ntanuguhimiriza abantu ngobakarabe bihari. Nukwimenya

====

IYAMUREMYE

Ndi umunyarwanda mba Morogoro muri Tanzania , hano Tanzania naho abantu bagera kuri 3 bamaze kwandura. ubwoba ni bwinshi cyane amashuri yafunzwe. leta ikomeje gushakisha uburyo abantu bakomeza kutandura.

===

Ibrahim Babu

Mwiriwe ndi i Goma muri DRC hano ibintu biragenda ntakibazo gusa nubwo twegereye umupaka ariko ubona abaturage ntacyo bibabwiye,ariko twe ihageze yatumara kuko nta ngamba na nto leta yari yatangaiza abatutage kuko ubona bakiri mubya Ebola naho coronavirus yo ntabwo yitaweho,abanyehuri,amadini,amakwe birakomeje nkuko bisanzwe, murakoze.

===

Gilbert Gahizi nkaba ndi ottawa Canada, uko bimeze:

Uwufise ububasha kw’isanamuGILBERT GAHIZI

Lisa Ngendakuriyo

Mwiriwe BBC ndimuri Congo Brazzaville hano amakuru difite kugeza ubu nay’umuntu umwe uyifite nkuko bitangazwa n’ubutegetsi ariko guhera 19/03/2020 ibintu bihurirwamo n’abantu beshi ntibyemewe

Nyuma…

BBC mri aka kanya habonetse abandi bantu 2 umwe n’umunyamerika undi n’umufaransa guherejo 19/03/2020 amashuri utubari ubukwe n’ibindi ntibyemewe (fermeture)

===

Bizimana A.

Ndi muri Éthiopie, coronavirus yamaze kuhagera, ubu abanyamahanga dufise ubwoba kubera abanyagihugu bo ngaha bavugako aritwe twayizanye iwabo biragoye cane gose.

===

J. NINGABIYE

Mwaramutse Neza, aho mperereye muri Republic Cantral African turamaho nta muntu turumvako agwaye icokiza. Tukaba dusengera igihugu cacu c’Uburundi kugira Imana iturinde ico kiza. Murakoze

====

Niyigaba Jean

Ndi Wuhan, ubu ubwandu bwaragabatse cyane. Gusa kugeza ubu ntabwo abantu baremererwa gusohoka no kujya mu bikorwa bya buri munsi.

Guhaha byo bikorwa online. Abanyeshuri natwe turacyari confinés mu macumbi yacu.

Mbese muri rusange ingamba ziracyakajijwe. Gusa muyindi mijyi ho abo tuvugana ibikorwa byatangiye gukora gahoro gahoro.

Exit mobile version