Site icon Rugali – Amakuru

Congo nireke amagambo yerekane ibikorwa! Nisabe Kagame gufata M23 nka FDLR ariko yibuke ko FDLR atariyo yateye Congo

Umuvugizi wa reta ya Repuburika ya Demokrasi ya Congo avuga ko Urwanda rukwiye gufata umugwi witwaje ibigwanisho wa M23 co kimwe na FDLR, yompi ikagwanywa nk’inkozi z’ikibi zihungabanya ‘’umutekano w’Urwanda n’uwa Congo”. Congo yagiriza Urwanda gushigikira M23 Kinshasa isigaye yita ‘’umugwi w’iterabwoba’. Urwanda rurahakana gufasha uwo mugwi uvuga ko ata ”n’urushinge” uhabwa na Kigali.

Mu kiganiro cihariye na BBC Gahuzamiryango, Patrick Muyaya -umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru muri reta ya Congo akaba n’umuvugizi wayo – yavuze ko n’aho ubu icuka ari kibi cane mu migenderanire hagati ya Congo n’Urwanda, amayira yo kuvugana akihari. Ati: ”Mwomenya ko uwuserukira Urwanda atawe twirukanye,  dushobora kubandanya tuvugana kugira tugarukane amahoro.

”Ariko igiteregerezwa kubanza kuba  n’uko Urwanda ruhagarika gufasha M23,  kandi ko M23 co kimwe na FDRLR itegerezwa kurwanywa nk’imigwi y’inkozi z’ikibi uhungabanya umutekano w’Urwanda n’umutekano wa Congo”.

Urwanda ntiruzoja mu ngabo za EAC muri Congo

Muyaya avuga ko bafise ivyemezo vyinshi vy’uko ingabo z’Urwanda zajabutse ku butaka bwa Congo gufasha M23. Muri ivyo, avuga abasirikare babiri b’Urwanda yemeza ko bafatiwe ku birometero 25 imbere ku butaka bwa Congo. Urwanda rwo rwavuze ko abo basirikare banyurujwe n’abagwanyi ba FDLR babakuye ku butaka bw’Urwanda.

Umuvugizi wa Congo yemeza kandi ko Monusco, ingabo za ONU zikorana n’ingabo za Congo, ifise ivyemezo vyinshi. Yemeza kandi ko hari amafoto n’ama-video yafashwe n’indege zitagira abadereva abigaragaza. Ati: “Ahandi ho inama nshingamategeko ya Amerika canke reta ya Amerika ntiyari kuba yatunze urutoke Urwanda mu buryo butaziguye, nk’abashigikiye umugwi w’iterabwoba wa M23”.

Patrick Muyaya avuga ko kubera izo mvo Urwanda rudashobora kuba mu bihugu bizoterera ingabo zizorungikwa muri Congo n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, EAC,  gufasha kugwanya imigwi yitwaje ibigwanisho harimwo na M23.

Abakuru b’ibihugu bemeje, mu nama yabahuje i Nairobi muri Kenya mu ntango z’iyi ndwi, ko izo ngabo zirungikwa ”buno nyene” ariko nta kirangaminsi catanzwe.

Umuvugizi wa reta ya Congo yemeza ko abakuru b’ibihugu bemeje ko muri izo ngabo ata z’Urwanda zizoba zirimwo. Ariko itangazo ryasohowe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Kenya ari nawe yari arongoye iyo nama, ntaco ryavuze ku bihugu bitazoba birimwo.

Patrick Muyaya avuga ati: “Kuri twebwe, ni ibintu vyumvikana ko Urwanda rudashobora kubamwo mu bihugu bizorungika ingabo muri Congo. Abakuru b’ibihugu bavyemeje uko.

”Nta kuntu hoba ingabo ziza kugarukana amahoro mu gihe kandi zishigikiye umugwi dufata ko ari uw’iterabwoba”.

‘Ntituva muri Bunagana hatabaye ibiganiro’

Patrick Muyaya avuga ko ingabo za EAC zizoba zije kugwanya imigwi yose yitwaje ibigwanisho itazoba yemeye kubishira hasi nk’uko abakuru b’ibihugu babisavye.

Major Willy Ngoma avugira M23 avuga ko izo ngabo za EAC “ata bwoba ziduteye”.

Avuga kandi ko kuba reta ya Kinshasa iwita umugwi w’iterabwoba ataco biwubwiye.

Major Ngoma avuga ko reta ya Congo “hari amasezerano twasinye nayo” i Nairobi mu 2013.

Uwo mugwi usigaye igenzura igisagara ca Bunagana uvuga ko utazokivamwo hatabaye ibiganiro na reta ya Congo kugira amasezerano bumvikanye aje mu ngiro.

Asaba ibihugu vy’akarere kwotsa igitutu reta ya Congo kugira ayo masezerano ashirwe mu ngiro.

Exit mobile version