Ico bose bemeranya mu Ncuti n’Abagenzi biwe nuko yama yikundira gutwenga,gufasha,guterera ivyiyunviro ndetse akaba yakundwa na bose (Aba Hutu,Aba Tutsi) kuko na kenshi yahakwa kwicwa yahungira ku Mugenzi Wiwe w’Umubanyi yatwara i Banki y’i Gihugu(BRB) akaba ariwe yaca Amunyegeza hamwe n’Abiwe(Umucance wiwe Roza n’Abana 2) kandi uwo yatwara i Banki yitwa NSABABAGANWA Patrice-Umuganwa- benshi bamye bakunda kubg’Ubutore bgiwe!
Ariko uwamuhiga ntivyatevye yuko amuhenda,yitwa RWURI Joseph(Coloneli) akaba yari Ministre de l’intérieur (Intwaro y’i Gihugu) ngo “Ingo tuje muri État Major mû nama” ,aca amushira mwi jeep ihagatiwe n’Abasoda niko ku mujana ahandi,aca aramwirasira(1972) imbonankubone(Bout Portant) niko kuca afata ku nguvu n’inzu yabamwo n’ivyarimwo vyose ngo “yahinjiye” ,iyo nzu ikaba yari kwibarabara bita ico gihe JRR iruhande yi Hoteli Chandelier canke Igolofa ya Dcter Sehungiza!
Iyo Nzu,uwo mu Colonel RWURI Joseph(aracari muzima ku gatumba iwe) zimaze kumuhindurikirako imirisho kuko yahavuye afungwa ku Ntwaro ya Bagaza,yahavuye ayigurisha ku Mugwizatunga RUJUGIRO.
R.I.P kandi CVR ikore!
Source: Facebook/Inkingi ZA Demokrasi Burundi