Site icon Rugali – Amakuru

CNDD/FDD Ifite Amajwi Menshi y’Imfatakibanza muri Kamarampaka

Ibiharuro mfatakibanza vyerekana ko mu ntara ya Kirundo Ibwirizwa Shingiro ryahinyanyuwe ryemejwe ku majwi angana 83,01kw’ijana. Guhakana iryo hinyanyugwa vyatowe ku majwi 11, 20 kw’ijana.Amajwi yabaye impfagusa aharugwa kuri 3, 32, ay’abo ataco barivuzeko akaba aharugwa kuri 2,46 kw’ijana.

Ivyo biharuro mfatakibanza biva mu mugwi ujejwe gutunganya amatora mu ntara vyerekana ko abantu bitabiriye iryo itora ku rugero rwa 98, 82 kw’ijana. Twashate kumenya uko abatumiriye abanyagihu kwemeza canke guhakana Ibwirizwa Shingiro bakiriye ivyavuye mu matora vy’imfatakibanza

Ijwi ry’Amerika ryegereye ubwa mbere abigishije gutora Ego iza imbere cane. Mu mugambwe CNDD-FDD bagaragaye cane ku rubuga bigisha abanywanyi babo gutora Ego ntibashimye kugira ico bavugako. Fabien Bizumuremye arongoye umugambwe uri ku butegetsi mu ntara ya Kirundo yabwiye Ijwi ry’Amerika ko amakuru mu mugambwe CNDD-FDD atagirwa mu burongozi bw’umugambwe ku rwego rw’igihugu.

Aho twabonana nawe, CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu ntaco wari bwatangaze ku matora y’Ibwirizwa Shingiro. Mu ntara ya Kirundo kandi umugambwe Sahwanya-Frodebu Nyakuri Iragi rya Ndadaye wemewe n’amategeko warigishije kwemeza ihinyanyurwa ry’Ibwirizwa Shingiro mu gutora EGO. Severino Nkunzimana aramutswa uwo mugambwe mu ntara avuga ko atacari gutangaza EGO itsinze.

Mu runani Amizero y’Abarundi bakwiye imisozi bigisha gutora OYA bo si uko bavyakira. Oscar Nizigiyimana arongoye urunani Amizero y’Abarundi mu ntara ya Kirundo aratanga insinguro n’igituma batashimishijwe n’ivyavuye mu matora.

Twarondeye umuco ku vyo Urunani Amizero y’Abarundi rurega abajejwe intwaro ku rwego rwo hasi no kumenya uko amatora yagenze muri rusangi mu ntara ya Kirundo. Tubajije buramatari wa Kirundo Melchior Nankwahomba yatugaragarije impungenge afise zo gutanga amakuru kw’iradiyo yugariwe imirongo ya FM mu Burundi n’ikigo ca leta kijejwe kugenzura ibimenyeshamakuru CNC.

Twegereye kandi umukuru w’umugwi wigenga ujejwe gutunganya amatora mu ntara ya Kirundo. Pascal Manariyo arongoye uwo mugwi yabwiye Ijwi ry’Amerika ko itegeko bafise ritabaha uburenganzira bwo guha amakuru amaradiyo Ijwi ry’Amerika na BBC yugariwe imirongo na CNC.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika mu Kirundo Jean Bosco Ndarurinze ni we wakurikiranye iyi nkuru.

Exit mobile version