Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro ihejeje kwemeza ko umukuru w’igihugu aherutse gutorwa, Evariste Ndayishimiye ashikirizwa amabanga kugira ngo asubirire Perezida Petero Nkurunziza aherutse kuryamira ukuboko kw’abagabo.
Ni ingingo ihejeje gutangazwa kuri uyu wa 12/06/2020 inyuma y’aho ejo ku wa kane inama nshikiranganji isabiye iyo sentare kwemeza ko ikibanza c’umukuru w’igihugu atawukiramutswa.
Iyo sentare yategerezwa gukorana vuba bwango kugira ngo ifate ingingo inyuma y’aho yituriwe na leta y’u Burundi iyisaba ko yokwemeza ko ata mukuru w’igihugu ahari.
Iyo sentare yatangaje ko ata leta mfatakibanza igiye kuba mu Burundi.
Iti: “Nta leta mfatakibanza ikenewe, umukuru w’igihugu yatowe Evariste Ndayishimiye ategerezwa kurahizwa vuba bwango”.
Mu nama nshikiranganji idasanzwe yabaye ejo ku wa kane, ikibazo kimwe rudende kwari ukwiga ingene Perezida Nkurunziza yosubirizwa.
Bisunze ingingo za 121 na 288 z’ibwirizwashingiro rishasha rya 2018, ivyegera vy’umukuru w’igihugu hamwe n’abashikiranganji barituye sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro bayisaba ko yemeza ko ikibanza c’umukuru w’igihugu ata wukiramutswa, kandi igaca imenyesha ingene umukuru w’igihugu yosubirizwa.
Iyo ngingo ikuye ibibazo vyari bigize iminsi ku bijanye n’isubirizwa ry’umukuru w’igihugu, aho bamwe babona ko umukuru w’inama nshingamateka, Pascal Nyabenda, yategerezwa kumusubirira vy’imfatakibanza nk’uko ingingo y’121 y’ibwirizwashingiro ibivuga mu gace ka kabiri.
Abavuga gutyo bavuga ko nyakwigendera Perezida Nkurunziza yotegerejwe kubisanya na Bwana Evariste Ndayishimiye ku wa 20 z’ukwa munani 2020.
Hagati aho, sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro isigura ko ingingo ya 104 y’iryo bwirizwashingiro nyene ivuga ko “Umukuru w’igihugu atangura kurangura amabanga yiwe kuva umunsi arahiriyeko. Ikiringo ciwe kirangira umunsi uwatowe ngo amusubirire ashikirijwe amabanga ajejwe”.
Iyo ngingo yerekana ko atari ngombwa ko Evariste Ndayishimiye yatowe ategerezwa gushikirizwa amabanga mu kwa munani, na rirya sentare yamaze kwemeza ko ikibanza c’umukuru w’igihugu kigaragara.
Perezida Petero Nkurunziza yitavye Imana ku wa 08 z’uku kwa gatandatu ahitanywe n’indwara y’umutima (arret cardiaque) nk’uko vyatangajwe na leta y’u Burundi.