Site icon Rugali – Amakuru

Burundi: Reta yabujije kwinjiza mu gihugu ibigori bivuye hanze

Kuva kuwa 8 ukwezi kwa gatatu, mu Burundi ntibirekuwe kwinjizayo intete n’ifu vy’ibigori bivuye mu bindi bihugu, ingingo izomara amezi atandatu, nk’uko abategetsi babivuga.

Mw’itangazo yasomeye abamenyeshamakuru, Jérémie Banigwaninzigo, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ubudandaji n’ingenzi, yavuze ko vyagaragaye ko ibigori biriko birinjira bishobora kwonona amagara y’abantu.

Yabwiye abamenyeshamakuru ati: “…muri ino minsi hibonekeza iyinjira ku bwinshi ry’intete n’ifu y’ibigori bitameze neza ku buryo vyoshobora kugira ingaruka atari nziza ku magara y’abavyihereza.”

Ntasigura ingene bihumanye n’aho abarundi batanguriye kubibona canke ibihugu vyoba bivamwo ivyo bigori bihumanye. Mu karere, ku wa gatanu Kenya yafashe ingingo ko ata bigori vyosubira kwinjira muri ico gihugu bivuye muri Tanzania no muri Uganda.

Urwego rujejwe uburimyi muri Kenya rwavuze ko ibipimo vyakozwe vyerekanye ko ivyo bigori vyahumanijwe n’ubumara bwa aflatoxin, buterwa n’ifira riva mu kubika nabi ivyo kurya vy’intete, imyumbati, n’ibindi.

N’aho atabidomako urutoke, Banigwaninzigo avuga ko mu gihe ivyo bigori biriko birankwa ahandi, Uburundi butegerezwa kuhagabira kugira ntivyinjire muri ico gihugu.

Ati: “…muri ino minsi hariho ifu n’ibigori biriko biraza ku bwinshi mugabo ugasanga no mu bihugu bibanyi ivyo bintu ntibikwije ivya ngombwa bakavyirukana, mugabo abadandaza b’abarundi bagaca bihuta kugira babizane ngaha iwacu.

“Natwe ntidushobora kwemera ko amagara y’abenegihugu n’ababa mu Burundi amererwa nabi.”

Ahandi hakunda kuva ibigori vyinjira mu Burundi ni muri Zambia. Ariko uretse kwinuba ivyo biva hanze, uwo mutegetsi yavuze ko igihugu cari gisanzwe caronse umwimbu mwiza w’ibigori mw’irima riheruka ku buryo atawogira amakenga ku bukene bwavyo muri iyi minsi.

Uretse ko ubugari bw’ibigori ubu ari imwe mu ndya hafi za minsi yose mu bice bimwe bimwe mu Burundi, ibigori birakora cane kandi mu kugaburira inka n’ibindi bitungwa.

Ntibizwi neza ingene urugero rw’ivyava hanze rwangana mu bikoreshwa mu Burundi.

Exit mobile version