Site icon Rugali – Amakuru

Burundi: Radjabu Hussein aratubwira umugambi mubisha wa CNARED

CNARED ! RWOBA ARI URUNANI CANKE ICIPFUZO C’URUNANI ?

https://rugali.com/wp-content/uploads/2016/04/Burundi-Agence-BUJUMBURA-News-LHonorable-RADJABU-Hussein-.mp3?_=1 Abatari bake bazi ko CNARED ari urunani ariko hakaba n’abandi bibaza ko coba ari icipfuzo c’urunani kitarigera kija mu ngiro. Abamaze kubona ko CNARED ari urunani nyarwo kandi rukomeye bazi neza ko bishobora gushika bakanaramutswa intwaro nfatakibanza kuko ku bw’invugo zabo bararota ko umuhari CNDD-FDD utegerezwa kuzoranduranwa n’imizi . Uwufise amaso kandi azi no gusesangura aribaza abo bavandimwe inguvu bizigiye zo gushika kuri uwo mugambi bakabura.

Abo basesanguzi nyene barazi neza ko abadumisha indoto nk’izo ari nabo usanga bagabirije kugira ngo akarwi ka PETERO NKURUNZIZA utwo kazosigaza mu nkono kamaze guhaza abako babe aribo bagabana imisigazwa bibaye ngombwa bakaba ari bahereza ko ku kiyiko uwo bashatse. Ninaco gituma rero ubu hari ababona muri CNARED ibiti biri kw’irembo. Ntibayibona mwo urugamba rwo guhagarika amaraso ya bene Burundi Petero Nkurunziza asesa uko bukeye uko bwije.

CNARED( ndayite urunani nk’abandi bose babona canke bipfuza ko biba uko ) iri n’ibibazo vyinshi ! Nta RUNANI ruranga abatari bake mu banyepolitike bayigize ,ariko usanze bariko barasangira urukanywa ntavyo upfa waratoye udafise amatwi n’amaso. Hari ivyagiye biratandukanya bamwe n’abandi muri kahise usanga bigenda biragaruka. Hari kandi n’ubwibone bw’abiyerekana ko bashoboye kurusha abandi .Usanga bamamaza amazina yabo ngo nibo bafise imihora ikomeye mu makungu. Baranizeza ko ayo makungu yipfuza gufasha ariko agashaka ko biba ngombwa biciye kuri bo. N’uko guca ku biti no ku mabuye mu kwigizanya yo n’amero menshi ngo ikiza kibahitanize ibitubutse giciye ku mugongo w’ibiganiro.

Abagize CNARED n’aho bashaka kuja mu biganiro bari bakwiye kubanza kuganira ubwabo kugira bagire urunani koko. Nivyo abatari bake babahanuye natwe turimwo ariko bigaterwa ivyatsi bitumwe n’uko ku batari bake babona ko buca baronka ibiti.
Mu kirundi baca umugani mu kirundi ngo “UMWUKO N’IKIRIKO!”. CNARED ntiyigereranye na SAHWANYA FRODEBU yo mu myaka ya 1993 -2000. FRODEBU yari yaratahukanye INTSINZI inigirwa mu menshi itaramara ikiringo yatorewe ari naco gituma hakozwe ibishoboka kugira isubire ku butegetsi bwayo maze hagatunganywa ayandi matora ariyo itwara.
Ntihagire abitiranya ibihe. Ubu ibiringo bibiri vya Petero Nkurunziza n’aho vyaheze nta n’umwe yikwiyitirira ugutwara canke uguhabwa ubwo burenganzira.
Ubu tubage turashima kubona abarundi baba hagati mu gihugu na cane cane baba hanze barikanuye kugira ntihagire abasubira kwama babajuragiza n’ibinyoma nko muri kahise .Bizobafasha kunyegurura ibinyegezwa vyongeye bibafashe kutizera kuraburwa no guhabwa amaraso avomwe mu ndembe.
MU KURANGIZA ,ABABONA KO CNARED ARI ICIPFUZO C’URUNANI NTIBIHENDA NABO KUKO MU VY’UKURI URWO RUNANI ATARWO !ARIKO RURASHOBORA KUZOBA HO BENE YO BAVYITUMYE.
TURAKEJE LEONARD NYANGOMA KU BWITONZI YEREKANYE MU KURENGERA IBIJANYE N’IMINIGANO IGIHE COSE YARI AMAZE ARONGOYE CNARED.
Source: http://agencebujanews.blogspot.com/2016/04/lhonorable-radjabu-hussein-devoile-la.html
Exit mobile version