CNARED ! RWOBA ARI URUNANI CANKE ICIPFUZO C’URUNANI ?
Abo basesanguzi nyene barazi neza ko abadumisha indoto nk’izo ari nabo usanga bagabirije kugira ngo akarwi ka PETERO NKURUNZIZA utwo kazosigaza mu nkono kamaze guhaza abako babe aribo bagabana imisigazwa bibaye ngombwa bakaba ari bahereza ko ku kiyiko uwo bashatse. Ninaco gituma rero ubu hari ababona muri CNARED ibiti biri kw’irembo. Ntibayibona mwo urugamba rwo guhagarika amaraso ya bene Burundi Petero Nkurunziza asesa uko bukeye uko bwije.
CNARED( ndayite urunani nk’abandi bose babona canke bipfuza ko biba uko ) iri n’ibibazo vyinshi ! Nta RUNANI ruranga abatari bake mu banyepolitike bayigize ,ariko usanze bariko barasangira urukanywa ntavyo upfa waratoye udafise amatwi n’amaso. Hari ivyagiye biratandukanya bamwe n’abandi muri kahise usanga bigenda biragaruka. Hari kandi n’ubwibone bw’abiyerekana ko bashoboye kurusha abandi .Usanga bamamaza amazina yabo ngo nibo bafise imihora ikomeye mu makungu. Baranizeza ko ayo makungu yipfuza gufasha ariko agashaka ko biba ngombwa biciye kuri bo. N’uko guca ku biti no ku mabuye mu kwigizanya yo n’amero menshi ngo ikiza kibahitanize ibitubutse giciye ku mugongo w’ibiganiro.
Ntihagire abitiranya ibihe. Ubu ibiringo bibiri vya Petero Nkurunziza n’aho vyaheze nta n’umwe yikwiyitirira ugutwara canke uguhabwa ubwo burenganzira.
MU KURANGIZA ,ABABONA KO CNARED ARI ICIPFUZO C’URUNANI NTIBIHENDA NABO KUKO MU VY’UKURI URWO RUNANI ATARWO !ARIKO RURASHOBORA KUZOBA HO BENE YO BAVYITUMYE.
TURAKEJE LEONARD NYANGOMA KU BWITONZI YEREKANYE MU KURENGERA IBIJANYE N’IMINIGANO IGIHE COSE YARI AMAZE ARONGOYE CNARED.