Uwurongoye ikigo OTRACO (Office de Transport en Commun) gitanga impusha zemeza ko imodoka n’amapikipiki bikwije ibikenewe kugira bije mw’ibarabara mu Burundi, Albert Maniratunga, yahagaritswe mu mabanga yiwe na prezida Evariste Ndayishimiye amwagiriza kumubesha.
Prezida Ndayishimiye yari yagendeye icicaro c’ico kigo kiri ku mugwa mukuru w’igihugu, Gitega, kuri uyu wa kabiri.
Yasanze izo mpusha zitaratangura kuhatangirwa nk’uko vyari bitegekanijwe mu masezerano iryo shirahamwe ryagiriraniye n’ishirahamwe GST, rijejwe gukora izo mpusha ku buhinga bwa none. Ayo masezerano yumvikanyweko itariki 16 z’ukwa kane mu 2015.
Ayo masezerano avuga ko izo mpusha zategerezwa gutangura gutangirwa ku mugwa mukuru Gitega, mu ntara ya Ngozi na Bururi inyuma y’amezi atandatu, ariko gushika ubu ntakirakorwa.
Prezida Ndayishimiye yaciye akura mu mabanga yiwe yo kurongora OTRACO Albert Maniratunga amwagiriza kumubesha, anategeka ko we n’abakozi b’ishirahamwe GST badasubira gukoza ikirenge muri ico kigo.
Yabajije ibibazo vyinshi Albert Maniratunga atashoboye kuronkera inyishu. Ati:”N’ukuvuga y’uko gushika ubu umwenegihugu wo mu Cankuzo, wo mu Ruyigi, Gitega, Rutana,.. bose bamanuka i Bujumbura? Urumva igitoro baba batanze uko kingana? Umwanya baba bataye uko ungana? Uwokontorora amahera bamaze gutakaza yoba angana gute?
Prezida Evariste Ndayishimiye yaciye atanga itegeko ko uwurongoye OTRACO n’abakozoi b’ishirahamwe GST badasubira kwinjira mu kigo bahora bakoreramwo, akaba yihaye imisi itatu kugira ico kigo gitunganywe ubundi busha.
Umukuru w’igihugu yavuze kandi ko yari yagabishije uwurongoye OTRACO itariki 21 z’ukwezi kwa kabiri 2021 ngo mu mezi abiri impusha zemeza ko imodoka n’amapikipiki bikomeye , zizobe zatanguye gutangirwa i Gitega, Ngozi na Bururi bitarenze amezi abiri. Ubu hakaba haheze amezi ane.
Prezida Ndayishimiye yavuze ko muri iryo shirahamwe harangwayo ibiturire.
Yagize ati: “Ibiturire biriko bitangirwayo ndabizi. Akajagari kose kavuye kuri ivyo.”
Abantu bose bafise imiduga n’amapokipiki mu Burundi bwose babanza kuja i Bujumbura kugira baronke uruhusha rwo kwerekana ko ivyo vyuma bikomeye neza.
Kubera imvo zitandukanye, harimwo n’ubwinshi bw’abantu, abipfuza izo mpusha baramara imisi myinshi batarazironswa, bigatuma haba imyidogo myinshi.
Source: BBC Gahuza