Site icon Rugali – Amakuru

Burundi: Kuki abamenyeshamakuru bapfunzwe bari mu kazi kabo i Bubanza?

Christine Kamikazi, Agnès Ndirubusa, Térence Mpozenzi, Egide Harerimana n’umushoferi wari ubatwaye Adolphe Masabarakiza bapfunzwe kuwa kabiri saa sita bafatiwe mu kazi kabo mu ntara ya Bubanza ahari kuba imirwano y’ingabo za leta n’inyeshamba.
Gushika ubu aba bamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu barapfungiye mu gasho k’igipolisi i Bubanza.

Ejo kuwa gatatu, babajijwe n’igipolisi naho hatamenyekanye ico bagirizwa nk’uko bivurwa na Antoine Kaburahe, umuyobozi w’ico kinyamakuru.

Abategetsi ntabwo baratangaza ico abo bamenyeshamakuru bagirizwa.

Kuwa kabiri bari bagiye i Bubanza gutohoza amakuru ku gitero c’abitwaje ibirwanisho cari cabaye kuva mu gatondo uwo munsi.

Umushingwamanza wabo yajanye na Leandre Sikuyavuga -ajejwe uruganda rwabo rw’amakuru (editeur en chef)- aho babarizwa.

Aba bakavuga ko basanze abo bamenyeshamakuru barushe.

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru mu Burundi -UBJ- ryiyamiriza uko bafashwe, bakakwa n’ibikoresho vyabo.

Iri shirahamwe risaba ko barekurwa kuko batari abagizi ba nabi, batagiye binyegeza, ahubwo bahagaritswe bari ku kazi kabo.

Amakuru ava mu Burundi avuga ko naho hatarashirwa ahabona ivyo bagirizwa, igipolisi cabagumije mu gasho.

Ishirahamwe rirengera abamenyeshamakuru muri Afirika rimenyesha ko “Abamenyeshamakuru bafite uburenganzira bwo gutororokanya amakuru ya yegereyegere, abajejwe umutekano bakabarinda aho kubafunga”

Hejuru ibubafu; Térence Mpozenzi, Agnès Ndirubusa Egide Harerimana. Hasi: Christine Kamikazi n’umushoferi wabo Adolphe Masabarakiza baracyapfunze

Antoine Kaburahe amenyesha ko bakomeje kurungikirwa ubutumwa bubihanganisha n’ubundi bubaca intege kuko hari bamwe bashidikanya ico abo banyamakuru bagiye gukora i Bubanza.

Bwana Kaburahe avuga ko aba bamenyeshamakuru bari bagiye mu kazi kabo i Musigati mu Ntara ya Bubanza gutara amakuru yariyo kandi ivyo ari akazi gakwiriye k’umunyamakuru.

Yandika ati: “Abamenyeshamakuru, b’ukuri, baja kurondera amakuru, ntabwo ari amakuru aza kubarondera mu biro vyabo”.

Umumenyeshamakuru Jean Bigirimana w’iki gitangazamakuru Iwacu yafashwe mu kewzi kw’indwi 2016 n’abantu batamenyekanye, kuva ico gihe ntiyongeye kuboneka.

Abakorana nawe bakeka ko yishwe kubera akazi kiwe.

Exit mobile version