Igiporisi c’Uburundi kiremeza igitero c’abitwaje ibiwanisho caraye kibaye mw’ijoro ryakeye muri komine Rutegama y’intara ya Muramvya
Mu masaha y’ijoro ryo ku wa gatanu, niho hatanguye gukwiragizwa ku mbuga hwaniro amajwi y’abantu BBC itashoboye guhinyuza, bavuga ko baguye mu mutego w’abitwaje ibirwanisho, bagaturira amamodoka, bica n’abantu.
Ubushikiranganji bw’umutekano bwanditse ku rubuga hwaniro rwabwo ko ari “igitero c’iterabwoba cahitanye abantu abandi bagakomereka cakozwe ku modoka zunguruza abantu nk’isaha zibiri z’ijoro, ku musozi Munanira kw’ibarabara muri komime Rutegama ku birometero bitatu uva i Muramvya uja i Gitega, murwa mukuru wa poritike w’Uburundi.
Ubu bushikiranganji ntibumenyesha igitigiri c’abahasize ubuzima n’abahakomerekeye. Igiporisi kivuga ko amatohoza abandanya.
Amakuru, ataremezwa n’inzego z’umutekano, avuga ko abarenga 15 boba barahasize ubuzima n’abandi batari bake bakomeretse bakaba baciye bajanwa mu bitaro vy’ i Muramvya no mu Kibimba.
Ikinyamakuru IWACU co mu Burundi gisubiramwo abarokotse ico gitero aho bavuga ko abantu bitwaje ibirwanisho babugururiyeko umucanwa igihe bamwe mu bari muri izo modoka bagerageza gukura amabuye yari yatezwe mw’ibarabara.
Iki kinyamakuru candika ko imodoka zibiri imwe yo mu bwoko bwa Toyota Hiace, iyindi ya Toyota Probox zabanje kuraswa imbere yo guturirwa.
Iki gitero gikurikiye ikindi nk’iki caheruka gukorwa n’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye muri iyo ntara nyene ya Muramvya, hari ku wa 9 z’ukwa gatanu, kikaba cahitanye abantu nibura cumi, gikomeretsa abandi batari bake.
Source: BBC Gahuza