Site icon Rugali – Amakuru

Burundi: Igitero cya Grenade Cyahitanye Umwe Gikomeretsa Abarenga 20

Umuntu umwe yarapfuye, abarenga cumi barakomereka mu gitero ca grenade mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu muri zone ya Buterere mu buraruko bw’umugwa mukuru Bujumbura.

Umwe mu baraye mu bitaro vy’abaganga batagira imbibe, MSF, biriko bivurirwamwo abakomeretse yemeza ko yiboneye bantu bagera kuri 20 bakomeretse.

Abajejwe intwaro basaba abanyagihugu kwirinda ibigwi vyo gukoranira hamwe ataco bariko barakora. Ni mu gihe ababa hafi y’ahabereye igitero bo basaba indongozi mu gipolisi kongereza abajejwe umutekano na cane cane mu gihe c’ijoro.

Igitero co kuri uno wa gatatu kije gikurikira ikindi cagabwe mw’ijoro ry’itariki ya 10 rishira iya 11 ukwezi kwa gatanu guheze. Abantu babiri babiri ni bo baguye muri ico gitero ca grenade cagabwe muri zone Kamenge ihana urubibe na Buterere. Ico gihe, amakuru Ijwi ry’Amerika ryaronse n’uko ikirabo catewe kinywerako abakozi b’iperereza na zimwe mu ntwazangabo z’igipolisi.

Source: VOA

Exit mobile version