Site icon Rugali – Amakuru

Burundi: Igipolisi cyafashe 'maneko y'Umunyarwanda' – BBC Gahuza


Image captionPierre Nkurikiye, Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi
Uwo Munyarwanda igipolisi cemeza ko yafatiwe ku musozi witwa Rushenya muri komine giteranyi, intara ya Muyinga mu buraruko bw’Uburundi.
Hafi y’ikiyaga Rweru yitwa, Cyprien Rucyahintare. Akaba yavukiye i kabare i Bugande mu mwaka wa 1992 nkuko yavyivugiye.Yinjiye igisirikare c’Urwanda 2011. Ubu afise ipete rya caporal.
Umuvugizi w’igipolisi yemeza ko uwo mugabo biboneka ko akiri muto akaba akorera mw’ikambi ya gisirikare y’ahitwa Gabiro. Nawe nyene yavyemeye.
Nyene gufatwa yitwa ariyemerera ko ari umusirikare w’u Rwanda koko mbere akongeraho ko yize n’akazi ko gukora nka maneko.
Cyprien Rucyahintare ariko yivugira ko ariwe yishikanye ku nzego z’umutekano z’Uburundi atigeze afatwa.
Image captionUwatawe muri yombi yitwa Cyprien Rucyahintare
Ariko Umuvugizi w’igipolisi, Pierre Nkurikiye, avuga ko uwo musirikare yafashwe n’inzego z’umutekano inyuma y’uko agwa mu minwe y’abaturage. Uwo musirikare yemeza ko yaramaze kuza gukora ako kazi k’ubumaneko incuro zibiri.
Umuvuguzi w’igiporisi aravyemeza nawe avuga ko irya mbere ngo hari mu kwezi kwa gatandatu umwaka uheze aho yaraje kwakira bamwe mu basirikare bari bashatse guhirika ubutegetsi kugira abajane mu Rwanda.
Ico gihe ngo ntivyakunze kuko inzego z’umutekano zari zarikanuye.
Ibi nyene kwagirizwa aravyiyemerera. Incuro ya kabiri ngo yaje gufasha nk’inderetsi abatera ama grenades mu gisagara ca Bujumbura n’abagira ibitero ku miduga y’abategetsi.
Uwo mugabo yemeza ko yinjiye mu gisirikare c’u Rwanda mu mwaka w’i 2011vyamugoye rwose kubwira abamenyeshamakuru abamutwara mw’ikambi ya Gabiro ahavuga ko akorera.
Yemeje y’uko abashaka gutera Uburundi bahabwa inyigisho n’abanya Korea mu makambi atandukanye y’igisirikare yo mu Rwanda.
Aremeza ko ariho abandi basirikare batatu bari mu Burundi muri ico gikorwa nyene co kuneka.
BBC yagerageje kuvugana n’ubuyobozi bw’igisirikare cy’u Rwanda kuri aya makuru y’uko Cyprien Rucyahintare yaba ari umwe mu ngabo z’icyo gihugu, ariko umuvugizi w’ingabo ntiyashatse kugira icyo abivugaho.
http://www.bbc.com/gahuza/amakuru/2016/03/160312_burundi

Exit mobile version