Abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru Iwacu bari bamaze imisi 430 mw’ibohero bagiriwe ikigongwe n’umukuru w’igihugu Gen Maj Evaritse Ndayishimiye, ubu bakaba bidegemvya.
Agnès Ndirubusa, Christine Kamikazi, Egide Harerimana na Terence Mpozenzi bari bafatiwe muri komine Musigati mu buraruko, ahariko harabera intambara hagati y’abantu bitwaje ibigwanisho n’igisirikare c’Uburundi.
Bagirijwe kugerageza gukora icaha bitagishoboka, bacirwa urubanza rwo gupfungwa imyaka ibiri n’igice hamwe n’ihadabu ry’amafaranga y’amarundi agera ku muliyoni. Aba bamenyeshamakuru bahakana ivyo bagirizwa.
Bavugana na BBC kuri uyu mugoroba bahejeje gusohoka ibohero, bavuze ko banezerewe cane kuko bagiye kurira Noel mu miryango yabo.
Agnes Ndirubusa, umwe muri bo, atwenga n’akajwi karekare ati:”Ndanezerewe cane kuba turekuwe, jewe n’abo turi kumwe tugasubira mu miryango yacu.
“Tuvuye kure, tukaba tugiye gusangira Noel n’incuti n’imiryango mu munezero nta ngere. “
Mu ngingo yo kubarekura yo kuri uyu wa gatatu itariki 23 z’ukwezi kwa cumi na kabiri, umukuru w’igihugu Gen Evariste Ndayishimiye avuga ko inyuma yo kwihweza amakete yabo yo gusaba ikigongwe afashe ingingo yo kubababarira, ariko bagategerezwa kuriha amande baciwe.
Akaba yanasaba ko umushikiranganji w’ubutungane aca ashira mu ngiro iyo ngingo.
Avuga kuri iyi ngingo, Antoine Kaburahe atwara ikinyamakuru Iwacu yanditse kuri Twitter ko “bakiriye neza uku kurekugwa”, gusa amenyesha ko abo bari bapfunzwe ata bimenyetso vy’ivyo bagirizwa.
Itariki 22 z’ukwezi kw’icumi, igihe bari bakwije umwaka bapfunzwe, amashirahamwe 65 harimwo na mpuzamakungu nka Human Right Watch na Amnesty International yari yasavye ko abo bamenyeshamakuru ko ari bane ba Journal Iwacu borekurwa.
Kuri uwo musi, Antoine Kaburahe arongoye ikinyamakuru Iwacu bakorera yagize ati:”Bavuga ngo ni reta mvyeyi, nta muvyeyi arekera umwana wiwe mw’ibohero ngo abandanye gupfungwa umwaka wose ahorwa ubusa. Turi muri reta mvyeyi imaze amezi atatu gusa, ngira izotinda yikubite agashi.”