Evariste Ndayishimiye agiye kurahirira kurongora Uburundi uyu munsi, arazwi cane mu gihugu nk’umujenerali “aciye bugufi” kandi “akunda gusenga”.
Yari asanzwe ari mu basirikare bakuru bahoze mu muhari wa FDD bivugwa ko bafise ijambo rinini mu butegetsi bw’igihugu.
Yavukiye muri komine Giheta y’intara ya Gitega, yari umunyeshure mu mategeko muri kaminuza y’u Burundi ubwo intambara y’imbere mu gihugu yatangura mu 1993 inyuma y’igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye.
Kimwe n’uwo asubiriye Pierre Nkurunziza, Bwana Ndayishimiye yarokotse ubwicanyi bwariko bukorerwa abanyeshure b’Abahutu kw’ishure kaminuza y’u Burundi i Bujumbura, arahunga aca aja mu muhari FDD wari umaze gushingwa ngo urwanye leta.
Bwana Ndayishimiye yari mu ntumwa z’inyeshyamba za FDD zajya mu biganiro vy’amahoro na leta yari ikuriwe na Pierre Buyoya.
Bitangura, Hussein Rajab niwe yari arongoye uruhade rwa FDD mu biganiro nyuma aza gusubirirwa na Pierre Nkurunziza wakorana bya hafi na Evariste Ndayishimiye.
Ibi biganiro vyageze ku mwumvikano mu 2000, umuhari wa FDD mu 2003 ushyira hasi ibirwanisho uhinduka umugambwe wa politiki CNDD-FDD winjira muri leta.
Mu gusangira ubutegetsi, Evariste Ndayishimiye waje kuba Jenerali majoro yagiye kuba icegera c’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare, naho Nkurunziza aba umushikiranganji w’intwaro yo hagati.
Evariste NdayishimiyeAHAVUYE ISANAMU,BURUNDI ARMY
Kuva mu 2006 Ndayishimiye nawe yarabaye umushikiranganji w’intwaro yo hagati, inyuma agirwa umujanama mu vya gisirikare wa mugenziwe Nkurunziza wari washitse ku butegetsi.
Inyuma yo kurangira kw’intambara no kwinjira muri leta niho Bwana Ndayishimiye yasozereye amashure yiwe mu vy’amategeko mu ishure kaminuza ryigenga i Bujumbura.
Kuva mu 2016 yagizwe umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD gushika mu kwa mbere uyu mwaka ubwo uwo mugambwe wamugena ngo azowuserukire mu matora.
Bwana Ndayishimiye, azwi cane ku gatazirano ka Neva (birashoboka ko ari impfunyapfunyo y’amazina yiwe), afise abana batandatu, azwi cane nk’umukatolika akomeye, mbere akurikira ingendo y’uwo asubiriye mu “kuvuga cane Imana” muri politike.
Evariste Ndayishimiye na Pierre NkurunzizaAHAVUYE ISANAMU,CNDD-FDD
Insiguro y’isanamu,
Evariste Ndayishimiye na Pierre Nkurunziza
Bwana Ndayishimiye w’imyaka 52, agiye gutwara igihugu gifise ibibazo mu bukungu kandi kidafise umubano mwiza n’abagiraneza.
Uwo asubiriye, ubutegetsi bwiwe bwaragirijwe guhonyanga agateka ka zina muntu, gutoteza abatavuga rumwe nawe, ibinyamakuru vyigenga n’abaharanira agateka ka zina muntu.
Agiye kurongora igihugu mbere kigomba guhangana na coronavirus, ikiza cafashwe minenerwe n’uwo asubiriye.
Azoshiraho leta izoba irongowe n’umushikiranganji wa mbere, nk’uko ibwirizwashingiro rishasha ribitegekanya.
BBC