Site icon Rugali – Amakuru

Burundi: Buyoya ati ‘Neguye kugira ngo mbone umwanya wo kwiregura no kweza izina ryanje ku rupfu rwa Ndadaye’

Petero Buyoya yahoze arongoye u Burundi yatangaje ku mugaragaro ko yatanze imihoho mu mabanga yiwe aho yahora aserukira umuryango w’Ubumwe bwa Afrika muri Mali no mu karere ka Sahel.

Mu kiganiro ahejeje guha abanyamakuru i Bamako muri Mali, Perezida Buyoya avuga ko ko ari ingingo yafashe we nyene ubwiwe kugira ngo ahangane n’uru rubanza.

Iyi ngingo ayifashe inyuma y’aho aciriwe umunyororo w’ubuzima bwiwe bwose n’ubucamanza bw’u Burundi, bumwagiriza ko ari mu bateguye igandagurwa ry’umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye mu 1993.

Iki ni ikiganiro yagize inyuma y’umwanya muto acishije ubutumwa ku rubuga rwa Twitter, aho yanditse avuga ati: “Inyuma y’urubanza rwaciwe na Sentare Nkuru y’igihugu canje, nafashe ingingo, ku gushaka kwanje, yo gutanga imihoho mu mabanga yanje nk’Intumwa Idasanzwe ya AU muri Mali no muri Sahel.

“Nshaka kwidegemvya kugira ngo mfate umwanya wanje wose niregure, n’aho hari inzitizi nyinshi”.

None Buyoya avuga iki?

Muri iki kiganiro co kuri uyu wa gatatu, Perezida Buyoya asubiramwo ivyo yamye avuga kuva atangura gukurikiranwa mu 2018 mu kwiyamiriza uru rubanza.

Kubw’iwe, uru rubanza ruteye kubiri n’amategeko kubera ivyo yagirizwa, ni ukuvuga igandagurwa rya Perezida Melchio Ndadaye, haciye imyaka 27 bibaye, akavuga ati “nk’uko amategeko y’Uburundi abivuga, ntibiba bikiburanishwa”.

Yongera ko ati: “Uru rubanza rwaraciwe mu 1995, abishe umukuru w’igihugu Ndadaye barazwi, baraciriwe urubanza mbere bamwe barahejeje ibihano bari baraciriwe. Rero raba, inyuma y’igihe kanaka bagarukanye uru rubanza bivugisha ko bashaka guhana ababiteguye”.

Bwana Buyoya asigura ko ikibazo c’igandagurwa rya Perezida Ndadaye caganiriweko umwanya muremure mu biganiro vy’i Arusha, “turumvikana ko nimba iki kibazo cogaruka, nticoca mu masentare, cotegerejwe guca imbere y’umurwi wo kumenya ukuri n’ukurekuriranira”.

“Ariko rero abategetsi b’u Burundi bafashe ingingo ukundi”.

Perezida Buyoya avuga ko uru rubanza ata tegeko na rimwe rwakurikije, ati “numva isoni mbere no kuvuga ingene vyagenze”.

Ati: “Iyumvire kuducira ibihano bikomeye nk’ibi mu gihe abashingwamanza bacu mvamakungu bimwe uruhusha rwo kwinjira mu gihugu, abari mu gihugu bakaba batahawe amadosiye yacu, mbere bakaba batanemerewe kwinjira muri sentare”.

Buyoya ni nde?

Majoro Petero Buyoya w’imyaka 71 ubu yari mu basirikare bakuru b’icahoze ari igisirikare c’u Burundi kizwi nka FAB (Forces Armees Burundaises), akaba yashitse ubwa mbere ku butegetsi mu 1987, atembagaje ubutegetsi bwa Perezida Jean-Baptiste Bagaza na we nyene yari yatsitse ku butegetsi abanje gutembagaza ubutegetsi bwa Michel Micombero mu 1976.

Mu myaka itandatu ubutegetsi bwiwe bwamaze bwibukirwa ibintu bitari bike vyahinduye isura y’igihugu, nk’ubwicanyi bwa Ntega-Marangara mu 1988, amasezerano y’ubumwe bw’Abarundi yemejwe mu 1991, umuzo w’intwaro ishingiye ku migambwe myinshi mu 1993, n’ibindi.

Yagiye kuva ku butegetsi mu 1993 atsinzwe amatora ya mbere ashingiye ku migambwe myinshi kuva mu myaka ya 1960. Ico gihe, Perezida Melchior Ndadaye wo mu mugambwe Frodebu niwe yatahukanye intsinzi y’amajwi arenga 65% nayo Buyoya yari yitoje kw’izina ry’umugambwe Uprona aronka amajwi yababa 33%.

Buyoya yasubiye kugaruka ku butegetsi mu kwezi kw’indwi 1996, asubiriye kandi gutembagaza ubutegetsi bwa Perezida Sylvestre Ntibantunganya, uyu nawe akaba yari yasubiriye Cyprien Ntaryamira yari amaze amezi abiri ashikirijwe amabanga inyuma y’igandagurwa rya Perezida Ndadaye.

Igandagurwa rya Perezida Ndadaye ryatumye igihugu cinjira mu ntambara yari ifise isura y’ubwoko, hagati y’Abahutu n’Abatutsi.

Vyabaye ngombwa ko Perezida Buyoya aganira n’abariko bararwanya leta, mu biganiro vyamaze imyaka ibiri kuva mu 1998 gushika bashike ku masezerano y’amahoro yateweko igikumu mu kwa munani 2000.

Kuva ico gihe, Perezida Buyoya yaciye yemezwa kurongora igice ca mbere c’intwaro mfatakibanza yategekanywa n’amasezerano y’amahoro ya Arusha, maze aza kuva ku butegetsi mu 2003 abishije Perezida Domitien Ndayizeye.

Amaze kuva ku butegetsi inyuma y’amasezerano y’amahoro ya Arusha, Buyoya yari afise ikibanza mu nama nkenguzamateka ubuzima bwiwe bwose nk’uko vyategekanywa n’amasezerano ya Arusha.

Mu mwaka wa 2008, yagenwe kurongora umurwi w’intumwa za ONU zari zirungitswe muri Tchad mu ntumbero yo gutorera umuti icuka kibi cari hagati y’iki gihugu n’igihugu kibanyi ca Sudani.

Mu kwa mbere 2013, niho Perezida Buyoya yasubira akagenwa n’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika kuwuserukira nk’intumwa idasanzwe muri Mali no mu karere ka Sahel.

Mu 2014, yaranashatse kwitoza ngo arongore umuryango w’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa, kandi ico gihe leta yaranamushigikiye kuko imigenderanire yari ikiri myiza.

Ibintu vyagiye guhinduka kuva mu 2015, igihe haduka mu Burundi indyane za politike zishingiye ku ngingo y’uwahoze ari umukuru w’igihugu, nyakwigendera Perezida Petero Nkurunziza, yo kwitoreza ikiringo kigira gatatu c’umukuru w’igihugu.

Ico gihe, abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko giteye kubiri n’amategeko, ariko Perezida Nkurunziza n’umugambwe wiwe CNDD-FDD, bobo bavuga ko ari ikiringo cemewe n’amategeko.

Iki cuka catumye imigenderanire hagati yawe n’ubutegetsi itosekara kuko hari benshi babona ko yoba abifisemwo ukuboko. Kuva ico gihe ntiyigeze asubira guhonyoza ikirenge mu Burundi.

Pierre Buyoya yahora ari intumwa idasanzwe ya AU muri Mali n’akarere ka Sahel

Niho mu mpera y’umwaka wa 2018, Buyoya yashirwa ku rutonde rw’abantu 17 baronderwa n’ubutungane bw’u Burundi bagirizwa ko bagize uruhara mw’igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye.

Buyoya ntavyo yari yiteze kuko yabona ko amasezerano ya Arusha amukingira, aho yamenyesha ko ikibazo c’iyicwa rya Ndadaye gitegerezwa gutorerwa inyishu biciye mu kanama kajejwe kumenyekanisha ukuri no kurekuriranira. Wewe rero yabona ko rwari urubanza rushingiye kuri politike.

Mbere yanagabishije ko rushobora gutuma hasubira kwaduka amacakubiri y’amoko mu gihugu.

Hagati aho, ivyo ntivyahungabanije ubutungane bw’u Burundi, kuko mu kw’icumi uno mwaka, sentare nkuru y’igihugu yamuciriye umunyororo wo guherayo, we n’abo bagirizwa ko bakoranye ico caha.

Buyoya n’abo bari kumwe bavuga ko bunguruje urubanza.

BBC

Exit mobile version