Inama nshingamateka y’u Burundi ihejeje kwemezwa Alain-Guillaume Bunyoni mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere hamwe na Prosper Bazombanza mu kibanza c’icegera c’umukuru w’igihugu.
Abo bategetsi bompi bemejwe mu matora yabaye mu mwiherero mu nama idasanzwe y’inama nshingamateka, yo kuri uyu wa kabiri inyuma y’amakete Perezida Evariste Ndayishimiye yaraye yandikiye inama nshingamateka ayisaba kwemeza abo bategetsi kuri ivyo bibanza.
Abashingamateka bakomoka mu rurani Amizero y’Abarundi ubu bahurikiye mu mugambwe CNL ntibitabiriye ico gikorwa, bakavuga ko canyegejwe kandi ko bakimenyeshejwe ku munota wa nyuma mu gihe ngo ari igikorwa gihambaye cane.
Eka na Agathon Rwasa, icegera ca mbere c’umukuru w’Inama nshingamateka akaba ari nawe arongoye umugambwe CNL, ntiyitabiriye ico gikorwa.
Prosper Bazombanza yemejwe ku bashingamateka 91 kuri 94 bari bitavye ivyo bikorwa, babiri bakaba batamwemeje nayo umwe akaba ataco yabivuzeko.
Alain-Guillaume Bunyoni nawe akaba yemejwe nk’umushikiranganji wa mbere n’abashingamateka 92 kuri 94.
Inyuma y’icegera c’umukuru w’igihugu n’umushikiranganji wa mbere hategekanyijwe kuzoca hatangazwa abazaba bagize guverinoma bose.
Ico kibanza c’umushikiranganji wa mbere caheruka mu Burundi mu 1998, Pascal Ndimira Firmin akaba ari we mushikiranganji wa mbere yaheruka, ku butegetsi bugira kabiri bwa Petero Buyoya yari yashikiriye ahejeje gutembagaza ubwa Sylvetsre Ntibantunganya ku wa 25/07/1996.
Alain-Guillaume Bunyoni ni nde?
Alain-Guillaume Bunyoni w’imyaka 48, yari asanzwe ari umushikiranganji w’umutekano kuva mu 2015. Yavukiye muri komine Kanyosha y’igisagara ca Bujumbura.
Yize ishure kaminuza y’u Burundi mu 1994 ariko akaba atayibandanije kuko yaciye yinjira mu barwanyi ba FDD mu 1994 mu ntambara yadutse mu Burundi inyuma y’igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye gushika umuhari CNDD-FDD ushitse ku masezerano yo guhagarika intambara mu 2003.
Bwana Bunyoni yarajejwe amabanga atandukanye CNDD-FDD imaze kwinjira muri leta, mu nyuma igatsinda amatora yo mu 2005.
2004-2005, yahawe amabanga y’umugenzuzi w’ibiro bikuru vy’igipolisi gishasha cari gihejejwe gushingwa gisubiriye urwego rw’ikijandarume.
Kuva mu 2005 gushika 2007 yagenywe kuba umukuru w’igipolisi c’u Burundi.
Kuva 2011 gushika 2014, Alain-Guillaume Bunyoni yagenywe kuba umukuru w’ibiro bijejwe ibibazo vya gisivire (cabinet civil) mu biro vy’umukuru w’igihugu.
Hampande y’ivyo bikorwa, Bwana Bunyoni yajejwe amabanga atandukanye mu vy’umutekano ku rwego mpuzamakungu, mu 2007 yari mu ntumwa za leta mw’ishirahamwe ONU zari zijejwe gutsimbataza amahoro n’umutekano.
Muri ico gihe nyene yari arongoye komite y’abakuru b’inzego z’igipolisi muri Afrika y’Ubuseruko (OCCPAE) muri rwa rwego rw’igipolisi mpuzamakungu ( Interpol).
Yabaye umushikiranganji w’umutekano incuro zibiri, ubwa mbere kuva mu 2007 gushika 2011, hanyuma kuva mu 2015 gushika ubu.
Bwana Bunyoni, umwe mu bategetsi bakomeye muri CNDD-FDD, yagirizwa uruhara mu bikorwa vyo guhonyanga agateka ka zina muntu mu ndyane za politike zadutse mu 2015.
Ari mu bafatiwe ibihano na Amerika bijanye n’ivyo ubutegetsi bwa Pierre Nkurunziza bwagirizwa vyo guhonyanga agateka ka zina muntu.
Mu 2017 leta y’u Burundi yarikuye muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha inyuma y’uko iyi sentare itanguje amatohoza ku vyaha vyakorewe kiremwa muntu mu Burundi kuva mu 2015.
Prosper Bazombanza wewe?
Ni umunywanyi w’umugambwe UPRONA, akaba avuka muri komine Rusaka y’intara ya Mwaro.
Yahejeje amashure yiwe ya kaminuza mu gisata kijejwe ubufundi bw’ivyuma bikoresha umuyagankuba (Génie Electromécanique) kw’ishure kaminuza y’u Burundi.
Mu mabanga yakoze, Bwana Bazombanza w’imyaka 60 yarabaye umwigisha w’ibiharuro, arakora mw’itonorero ry’ikawa SOGESTAL Kirimiro kuva mu 1990 gushika 1992.
Yarabaye buramatari w’intara ya Mwaro kuva 2002 gushika 2005, aho yaca agenwa mu gisata kijejwe ubugenduzi bw’amashure y’imyuga mu ntara ya Mwaro kuva 2005 gushika 2010.
Kuva 2010 gushika 2014, yakora mu murwi ujejwe ibibazo vy’amatongo gusubiza mu vyabo ababiteshejwe n’intambara (CNTB), imbere y’uko agenwa kuba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu kuva mu kwa kabiri 2014 gushika 2015 asubiriye Bernard Busokoza yari aherutse kubogozwa n’umukuru w’igihugu w’ico gihe, Petero Nkurunziza.
Yahora ari umunyamabanga mukuru w’ikigo kijejwe kugenzura ihuriro ry’amashirahamwe yo gutegekaniriza kazoza (ARCA) amabanga yashinzwe kuva mu kwa cumi na kabiri 2017. Imbere y’aho, yari arongoye ishirahamwe rijejwe gutekaniriza kazoza abakozi, INSS, amabanga yahawe kuva 2016 gushika 2017.
Aje ubwa kabiri muri ico kibanza, ariko mu gihe vyari bimenyerewe ko umukuru w’igihugu agira ivyegera bibiri mw’ibwirizwa rya 2005, ryasubiriwe n’irya 2018, ni we wenyene ari icegera c’umukuru w’igihugu.
BBC