Site icon Rugali – Amakuru

Burundi: Abashingamateka Bemeje Umunsi Wahariwe Umuhisi Petero Nkurunziza

Nkurunziza Pierre

Abashingamateka b’Uburundi bemeje ko tariki ya 8 ukwezi kwa gatandatu uko umwaka utashe, Uburundi buzohimbaza umusi wahariwe “imboneza y’ikirenga yo kuzirikana igihugu”. Iri teka ryatewe uwahoze arongoye Uburundi Pierre Nkurunziza yasezeye isi kuri iyo tariki nyene mu mwaka wa 2020.

Abashingamateka b’Uburundi batoye integuro yemeza uwo musi ku bice 76.9 ku ijana mu gihe 23.3 ku ijana bagizwe nabo mu mugambwe CNL utavuga rumwe n’ubutegetesi bayiyamirije. Umviriza ngaha umumenyeshamakuru w’ijwi ry’Amerika i Nairobi muri Kenya abiducira ku masonga.

Exit mobile version